Home Burundi Aime M ngo ntaba yicaye naho bamwe arivyo baba bibaza

Aime M ngo ntaba yicaye naho bamwe arivyo baba bibaza

Mu kiyago na SYUB Show Aime M yamenyesheje ko naho abantu baba bibaza ko yicaye, ariko we ngo ntaba yicaye, ariko  aba ariko agakora.

Muri ico kiyago yagiranye n’umumenyeshamakuru yigenga Biko Steven Raphael yamenyesheje ko ataboneka buri kanya kuko hari Ubundi buzima afise kandi nabwo ategerezwa kubwitaho.

Muri ico kiyago nyene, uwo muririmvyi akaba n’umwanditsi w’indirimbo ” Love Nyoko”, yanabajijwe ivy’indirimbo yakoranye n’umu Tanzaniyakazi.

Uwo muririmvyi asanzwe yisumamwo Muri Leta zunze ubumwe za amerika, avuga ko yagiye gukorana nabo kugira arabe ko yokwagura akarere, gutyo ngo azonabashe kuvugirizwa indirimbo iwabo, I Burundi, kuko abamenyeshamakuru bose i Burundi ngo amusaba amafaranga kugira bavuze indirimbo ziwe, aho hakaba hari mu gihe bamusaba ko atanga amazina yabo.

Ntiyagarukiye ngaho ariko yamenyesheje ko afise abamenyeshamakuru batandukanye hirya no hino muri Africa aho aha indirimbo noneho bakazivuza ataruko abahaye amahera, ariko aruko bazikunze.

Mwomenya ko iyo ndirimbo aheruka gushira ahabona ari Indirimbo Shimwa Mana, indirimbo ihayagiza umukama.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports|Ramadhan kuva mu Burundi akaja muri Manchester United niyo vyamushikanye muri Espagne

  Largie Ramadhan Umurundiakanagira n' ubwene gihugu bw'u Bubirigi ku myaka 19 yahora akinira  Manchester United umurwi w'abakiri bato wa B, yanse ko yongereza amasezerano...

# Indundi Sports | Espoir Fc yaguze umukinyi yahoze akinira Aigle Noir The Fighters

Umugwi Espoir Fc wo mu gihugu c'u  Rwanda waguze Myugariro avuka kuri Se w'umunya Rwanda nyina akaba  umurundi. Nahimana Ismail w'imyaka 21 yashize umukono Ku...

Uku niko hatunganijwe amatora mu mugwi Ndangakaranga AMAGABA

Kuri uyu wa mbere MUKAKARO 2020 (01/07/2020) niho mu umugwi ndangakaranga AMAGABA baramuka bakora amatora ya bose yo kwitorera indongozi nshasha zigiye kurongora uwo...

#Indundi Sports| Rayon Sports yaguze umurundi ari mu bakinyi binjije ibitsindo vyinshi

Amakuru dukura mu bamenyeshamakuru b'inkino mu gihu c'u Rwanda amenyesha ko Rayon Sports imaze kugura umusatirizi w'umurundi Nihoreho Arsène yafashe ikibanza ca gatatu mu...

Facebook Comments