Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | José Morinho yavuze umukinyi yemera gusumba abandi

# Indundi Sports | José Morinho yavuze umukinyi yemera gusumba abandi

Umumenyereza Josè Morinho amenyereza umugwi Tottenham Hospurs wo mu bwongereza yashize ahabona umukinyi yemera gusumba abandi mu bakinyi yigeze kumenyereza .

Mu kiganiro yakoranye na The Times José Morinho yavuze ko umukinyi yemera cane ari Nemanja Matic yigeze kumenyereza muri Chelsea hamwe Manchester United .

” Nta mukinyi twakoranye neza gusumba abandi atari Nemanja Matic yari afise ingeso nziza ntazopfa nibagiye mu buzima bwanje mu rukino rwa Chelsea naramwinjije ku munota wa 45 ndamusohora kandi kuwa 75 yarababaye cane aza kundaba ambwira ko atanezerewe ariko ambwira ko amakosa yaturutse kuriwe naho ataryohwe, asubira kandi ambwira ko vyari bikwiriye ko asohoka hanze bivanye n’ingene yakinye muri urwo rukino ”

Uwo munye Portugal José Morinho, akaba amaze kumenyereza imigwi ikomakomeye itari mike nka Fc Porto, Real Madrid , Inter de Milan , Chelsea , Manchester United hamwe na. Tottenham amenyereza muri kino gihe.

Facebook Comments

Most Popular

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana! Twihweje igitabo citwe "The Seven habitis of Highly effective people" candistwe n'uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko...

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati: “Nitwa DUSENGE Ketty Ange...

Facebook Comments