Home Burundi Masterland ati: "Ndicuza kuba twarabuze Ashley Diva mu muziki"

Masterland ati: “Ndicuza kuba twarabuze Ashley Diva mu muziki”

Masterland ngo arababazwa cane kuba umuririmvyukazi Ashley Diva atakiboneka mu muziki ndundi. Igituma ngo nuko yarafise ibisabwa vyose ngo akomere cane.

Mu kiyago yagiranye na Juste Gael, yabajijwe nimba hari abaririmvyi yafashije none ntibaheze ngo bibuke ico yabafashije. Yavuze ko ari benshi, noneho bamusaba kuvugamwo umwe gusa.

Land yavuze ko atavyibuka kuko abifata ibisanzwe, ariko umuririmvyikazi Ashley Diva ngo arababazwa cane kuba atakiri mu muziki. Igituma ngo nuko uwo mwigeme yarafise vyose bishoboka kugira abashe kugera kure, noneho akaba atakiboneka muri uwo muziki.

Muvyo yavuze ko yarafise vyomufasha kumenyekana no mu makungu harimwo kuba aririmba neza, avuga indimi mvamahanga neza, yiyumvira kure, mbere n’ukuba azi gutamba neza cane.

Mwomenya ko uno musi Ashley ari mu gacerere kadasanzwe, ntiharamenyekana nimba atazosubira kuririmba, canke nimba ari mu karuhuko bisanzwe. Ashley akaba yarakoranye n’abahinyanyuzi batandukanye ariko cane bakoranye na Masterland.

Facebook Comments

Most Popular

Uku niko hatunganijwe amatora mu mugwi Ndangakaranga AMAGABA

Kuri uyu wa mbere MUKAKARO 2020 (01/07/2020) niho mu umugwi ndangakaranga AMAGABA baramuka bakora amatora ya bose yo kwitorera indongozi nshasha zigiye kurongora uwo...

#Indundi Sports| Rayon Sports yaguze umurundi ari mu bakinyi binjije ibitsindo vyinshi

Amakuru dukura mu bamenyeshamakuru b'inkino mu gihu c'u Rwanda amenyesha ko Rayon Sports imaze kugura umusatirizi w'umurundi Nihoreho Arsène yafashe ikibanza ca gatatu mu...

# Indundi Sports | Umumenyereza wa Aigle Noir yahawe akazi gakomeye mu mwaka uza

  Inyuma y' itahukanwa ry'igikombe c'Ihiganwa rya Primus league ry'umwaka wa 2019 ushira 2020 , uburongozi bwa Aigle Noir The Fighters bwahaye iigikorwa kidasanzwe umumenyereza...

#made in Burundi| Kiyo Fashion Colletive barahagurukiye guteza imbere abanyamwuga

Ivyiza bihingurirwa iwacu ni vyinshi kandi ni vyiza, iyo ikaba ariyo mvo yahagurukije urwaruka ruhurikiye mw'ishirahamwe Kiyo Fashion Collective gutezimbere ivyahinguriwe iwacu (made in...

Facebook Comments