Home abakinyi bakina hanze Ibi nivyo bibuga 10 vya mbere muri Africa vyakira abantu benshi

Ibi nivyo bibuga 10 vya mbere muri Africa vyakira abantu benshi

Kuri uno wa Gatanu igenekerezo rya 26 Ruheshi 2020 , Indundi Sports tubazaniye urutonde rw’ibibuga vya mbere muri Africa vyakira abantu benshi gusumba ibindi .

Akaba ari ibi bikurikira :

10) ikibuga ca Léopold – Sédar – Senghor kiri mu gihugu ca Sénégal mu gisagara ca Dakar kikaba cakira abantu ibihumbi mirongo itandanu ( 60,000), Umugwi nserukira gihugu wa Sénégal wakirira muri ico gibuga ndetse n’umugwi QSC Jeanne d’arc

9) Ikibuga ca Olympic de Radès kiri mu gihugu ca Tunisie kiri mu gisagara ca Radès naco cakira abantu ibihumbi mirongo itandatu (60,000), kikaba ari ic’umugwi nserukira gihugu wa Tunisia .

8) Ikibuga ca abuja kiri mu gihugu ca Nigeria mu gisagara ca abuja , cakira abantu ibihumbi mirongo itandanu n’amajana atanu (60,500), cakira inkino z’umugwi nserukira gihugu wa Nigeria .

7) Ikibuga ca Allis Park kiri mu gihugu ca Africa y’epfo mu gisagara ca Johannesbourg , cakira abantu ibihumbi mirongo itandanu n’abiri n’amajana atanu ( 62,500), imigwi nka Lions, Golden lions hamwe Umugwi nserukira gihugu wa Africa y’epfo wa rugby yose yakirira muri ico kibuga

6) Ikibuga ca le 5 Juillet 1962 kiri mu gihugu ca Algeria mu gisagara ca Alger cakira abantu ibihumbi mirongo itandanu na nine (64,000), Umugwi nserukira gihugu wa Algeria wakirira kuri ico kibuga ndetse n’umugwi ASM Alger

5) Ikibuga ca Mihamed V kiri mu gihugu ca Maroc mu gisagara ca Casablance cakira abantu ibihumbi mirongo itandanu n’indwi ( 67,000) , Umugwi nserukira gihugu wa Maroc wakirira kuri ico kibuga ndetse n’imigwi ya Radja Casablanca hamwe Whydad Casablanca

4) Ikibuga Mpuzamakungu ca caire kiri mu gihugu ca Egypt cakira abantu ibihumbi mirongo indwi na bine n’ijana (74,100) , Umugwi nserukira gihugu wa Egypt wakirira kuri ico kibuga ndetse n’imugwi ya Zamalek hamwe na Al ahly

3) Ikibuga ca Martyrs kiri mu gihugu ca RD Congo cakira abantu ibihumbi mirongo umunani (80,000) , cakirira inkino z’umugwi nserukira gihugu.

2) Ikibuga ca Borg El Arab kiri mu gihugu ca Egypt cakira abantu ibihumbi mirongo umunani n’abatandatu ( 86,000) , cakirira inkino z’umugwi nserukira gihugu

1) Ikibuga ca FNB kiri mu gihugu ca Africa y’epfo mu gisagara ca Johannesburg cakira abantu ibihumbi mirongo icenda na bine n’amajana indwi ( 94,700) , Kikaba cakirira inkino z’umugwi nserukira gihugu wa Africa y’epfo hamwe n’umugwi Kaizer Chief Fc.

Facebook Comments

Most Popular

Agriculture: Ntacobuza ko ikigoti kimwe kivamwo ibiro birenga 20

Mu gihe igiterwa c’imyumbati citaweho neza, ngo ikigoti kimwe gishobora kuvamwo umwimbu ushimishije cane. Aho yari yagendeye intara ya Gitega neza na neza muri karitiye...

Abakinyi ba Musongati Fc bafashe urugendo berekeza muri Zambia

Mu gatondo ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 04 Kigarama 2020, niho umugwi Musongati Fc w’i Gitega wafata indege werekeza mu gihugu ca...

Ivyokorwa kugira ngo imyuzure igabanuke mu gisagara ca Bujumbura

Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura ngo barakwiye kwubaka amazu bisunze amategeko agenga ivyo kwubaka kugira birinde guterwa n'imyuzurira yama yibonekeza, ikonona ibintu bitari...

#YBSP| Sorora ikaye abana bave mw’ibarabara baje kwiga

Birahoboka kandi biramaze no gushoboka gukura abana mw’ibarabara abana bakavamwo imisore n’inkumi nziza zifise kazoza keza.   Urukundo no kwitanga vy’umwumwe mu barundi bagize ihuriro ry’urwaruka...

Facebook Comments