Home Burundi Kubwa Platini uguhinyanyura birinjiza gusumba kuririmba

Kubwa Platini uguhinyanyura birinjiza gusumba kuririmba

King Platini umwe mu baririmvyi ndundi bamaze igihe asa n’uwutariko araboneka mu muziki, yavuze ibituma uno musi atabasha kuboneka cane mu muziki.

Mu kiganiro na Amanda yavuze ko uno musi ikimutwaye umwanya gusumba ngo n’uguhinyanyura, ariko ngo no kuririmba araririmba, ariko guhinyura navyo abiha umwanya munini gusumba.

Muri ico kiyago, Platini yavuze ko icamuteye guhinyanyura gusumba kuririmba, ngo n’uko yasanze muri kino gihe guhinyanyura vyinjiza amafaranga gusumba kuririmba.

Ivyo Platini akaba abivuga afatiye kuko ngo abaririmvyi bashobora gufata umwanya munini kugira yinjize ifaranga, mu gihe abahinyanyuzi bo bashobora gufasha, kandi bakanabasha kubaho bakabeshaho imiryango.

Muri ico kiyago nyene Platini avuga ko uwo mwuga ariwo akora hampande yo kuririmba, akaba yabikoze inyuma y’imyaka 5 ariko aravyiga.

Ivyo uwo musore akaba abishikirije mu gihe amaze imisi asohoye akaririmbo gashasha kari kakurikiwe n’akandi nako atari aka kera gose.

Facebook Comments

Most Popular

Basaba Reta yo muvyeyi basigaranye kubafasha nabo batere imbere

Ishirahamwe ry’abapfakazi n’impfumvyi baharanira agateka kabo AVOD basaba ko Reta yobafasha bimwe biboneka kugira batere imbere. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa...

Petero Buyoya yaciriwe umunyororo wo guherayo

Uwahoze arongoye igihugu c'Uburundi mu myaka iheze Petero Buyoya yaciriwe umunyororo wo guherayo amaze kwagira icaha co kugandagura Perezida Ndadaye Melchior. Petero Buyoya muri kino...

# Indundi Sports| Ama miriyoni niyo FFB yinjije mu rukino rwa Gabon

Intererano abakunzi b'inkino baterereye mu kwinjira Ku bwinshi mu rukino rwo kurondera itike ryo kwitabira inkino zanyuma za CAN rwabaye mu mwaka wa 2019...

Uru nirwo Sentare yaciriye abagirizwa kugandagura Perezida Melchior Ndadaye

Umunyororo wo guherayo hamwe n’indishi y’akababaro y’imiliyaridi zirenga ijana na zibiri nico gihano cakatiwe abantu 19 bagirizwa ivyaha vyo kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye...

Facebook Comments