Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Umurundi agiye kumenyereza Ac Muhanga mu Rwanda

# Indundi Sports | Umurundi agiye kumenyereza Ac Muhanga mu Rwanda

Uburongozi bw’umugwi Ac Muhanga uri mu cicaro ca mbere bwaraye bwemeje ko bumaze kwumvikana n’umumenyereza w’umurundi Ismail Nduwantare inyuma yo gutandukana nuwari umumenyereza w’uwo mugwi Mbarushimana Abdou bivurwa ko yamaze kwerekeza muri Bugesera Fc .

Ismail Nduwantare akaba amaze kwumvikana na Ac Muhanga mbere kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 29 Ruheshi 2020, aza kurara ashize umukono ku masezerano  yo kumenyereza uwo mugwi mu kiringo c’umwaka .

Akaba yasabwe n’uwo mugwi kuwugumiza mu bibanza 8 vya mbere ndetse aranasabwa ko yokwubakira umugwi Ku  bakiri bato.

Ac Muhanga ikaba yarangije ihiganwa ry’uno mwaka ifata ikibanza ca 11 n’amanota 27, ikaba iri mu migwi yagize ibibazo vyinshi vy’uburyo .

Nduwantare akaba yari amaze amezi ata kazi afise inyuma yo kutitwara neza muri Gicumbi Fc, ivyatumye uhagarika amasezerano wari ufitaniye nawe.

Akaba yamenyereje imigwi ya hano iwacu nka , Prince Louis , Inter Star , Flambeau de l’Est, Delta Star hamwe na Kayanza United .

Facebook Comments

Most Popular

PLB: Abakinyi 3 nibo bari kw’isonga mu bafise ibitsindo vyinshi

Inyuma y'aho inkino z'indwi ya 4 ya Primus league zirangiriye, abakinyi 3 nibo bari kw'isonga mu bakinyi bamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi gusumba abandi abo...

Urwevu: Ba Kavamahanga ntibatwigishije vyose!

NTIBATWIGISHIJE KUBA INTAMBWE. BATWIGISHIJE KUVA INTAMA. Iyo tuvuze intambwe ntimuhave mugira ngo kuvuze ugutandagura. Oya dushatse kuvuga , ukugira umutima w'imboneza( Leaders). Umuntu wese yaje...

Volleyball: Championat National: ASB na Muzinga zaraye zitahukanye ibikombe.

Imirwi 14 niyo yari yitabiriye ihiganwa ryo kurwego rw’igihugu inkino zo mu matsinda zikaba zabereye mu gisagara ca Gitega ahari amatsinda abiri agizwe n'imirwi...

Angelina yoba ije gukura kuri hit Melana ?

Nyuma yo guhitinga n'indirimbo yiwe yambere yitwa "Melana " ,Berry Music yaraye asohoye indirimbo nshasha yitwa "Angelina." Bamwe n'abandi bamaze kuyumviriza baragira ico bayivuzeko. Bamwe bati...

Facebook Comments