Home Burundi Ninde uwahawe ubushikiranganji bw'inkino,urwaruka n'imicokama?

Ninde uwahawe ubushikiranganji bw’inkino,urwaruka n’imicokama?

Iki ni kimwe muri vyinshi vyibajijweko igihe hamenyekana urutonde rw’abashikiranganji bashasha cumi na batanu baheruka kugenwa muri leta y’u Burundi irongowe na nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’ u Burundi General major Evariste Ndayishimiye.

 


Izina rya Ambassadeur Ezéchiel Nibigira yahora aramutswa ubushikiranganji bw’imigenderanire y’u Burundi n’ayandi makungu kuva kw’igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2018 ni ryo ryizewe  rihabwa ubushikiranganji bw’inkino urwaruka n’Imicokama, rikaba na rimwe mu mazina yagarutse muri leta nshasha.

Uwo mushikiranganji twavuze ari muri batanu bagarukanywe muri leta nshasha mugihe abandi cumi bagenywe ari bashasha muri ayo mabanga.
Ambassadeur Ezéchiel Nibigira akaba yagenywe mu mabanga adasanzwe kuko ubushikiranganji atwara burimwo ibisata nk’iyinjira ry’u Burundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko (East Africa),ubw’inkino ,ubw’imicokama n’urwaruka .

Uwo mushikiranganji akaba yavukiye mu ntara ya Bujumbura kw’igenekerezo rya 10 Rusama umwaka 1971, mbere akaba yarigeze gutorwa mu bashingamateka b’iyo ntara.
Nibigira akaba yarigeze gutwara ambassade y’u Burundi muri Kenya.

Ambassadeur Ezéchiel Nibigira akaba yize Kaminuza yitiriwe umwizero wa Africa bita mururimi rw’ikinyamazuru Université Espoir d’Afrique .

Benshi baremeza ko amabanga agiyemwo azoyashobora kuko yigeze kuba ajejwe igisata c’urwaruka mu mugambwe yamukamwo.

Indundi sports imwifurije kuroranirwa murayo mabanga mashasha aheruka guhabwa n’igihugu.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports |Gitega| Urukino rwambere rwinjiza amafaranga menshi

Mu kiganiro Indundi TV yakoranye  n'uwurongoye na Musongati Fc, Honorable Denis Karera, kuvyerekeye kahise kiwe k'umupira w'amaguru, ndetse n'ingene biteguriye urukino rwanyuma( Finale )rw'igikombe...

Abiyamamariza amatora y’abakenguzamateka basabwa gukurikiza amategeko

Abiyamamariza amatora y'abakenguzamateka ategekanijwe ku wa 20 uku kwezi bahamagariwe kwubahiriza amategeko agenga ico gikorwa. Ako kamo katewe n'uwurongoye umurwi w'igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora...

Bataravye neza, Sat-b ngo azonasohora amashusho y’urukozasoni

https://youtu.be/cYxeFyuJbFk Sat-b ntahuza na bose Ku kibazo c'uburyo yari yambaye Muri Video aheruka gushira ahabona aho yabonetse asa n'uwuriko yinonora imitsi. Kuri iryo shusho ryabonetse igenekerezo...

Uguhinduka kwa Alvin Smith kwagarukanye igikundiro cinshi

Benshi mu bakurikirana ibikorwa vyiwe baremeza neza ko hari ihinduka mu bikorwa vy'Umuririmvyi Alvin Smith na cane cane ko bibonekera mu bikorwa...

Facebook Comments