Home CAN2019 # Sports| Abanyegori 20 b'abanya Afrika bamaze kwandikisha amateka

# Sports| Abanyegori 20 b’abanya Afrika bamaze kwandikisha amateka

Ku mugabane wa Afrika hamaze kuba abanyegori batari bake b’ibihe vyose bamaze kwandikisha amateka mu kwitwara neza mu mahiganwa akomakomeye kw’isi.

Uwufata ikibanza ca mbere mu banyegori bakomeye akaba ari umunya Cameroune yitwa Thomas Nkono akaba ariwe akurikira Roger Milan umunya Cameroun wiwabo yigeze kwandikisha amateka adasanzwe  muri ico gihugu .

Uwundi munyegori w’umunya Afrika amaze kwandikisha amateka adasanzwe ni umunyegori wa kera w’umugwi nserukira gihugu wa Egypt Essam El Hadary ,akaba yaratwaye ibikombe 4 vya CAN atorwa nk’umunyegori mwiza w’umunya Afrika yitwaye neza incuro 3, Aho twovuga nko Ku mwaka wa 2006, 2008 hamwe na 2010 akaba afata ikibanza ca kabiri muri urwo rutonde rw’abanyegori bakoze amateka adasanzwe, uwufata ikibanza ca 3 akaba ari Bruce Grobbelaar umunye zimbabweyene yigeze gusamira umugwi nserukira gihugu wa Zimbabwe hamwe na Liverpool yo mu Bwongereza.

Urutonde rwabo 20 rukaba aru rukurikira.

1) Thomas Nkono ( Cameroun)

2) Essam El Hadary ( Egypt )

3) Bruce Grobbelaar ( Zimbabwe)

4) Joseph Antoine Bell ( Cameroun)

5) Idrissa Kameni ( Cameroun)

6) Badu Zaki ( Maroc)

7) Vincent Enyama ( Nigeria)

8) André Onana ( Cameroun)

9) Nacerdine Drid ( Algeria )

10) Ckokri Ouaer ( Tunisie)

11) Alioum Boukar ( Cameroun)

12) David Efford Chabala( Zambie )

13) Sadok Sassi ( Tunisie)

14) Robert Kidiaba ( RDC)

15) Tony Mario Sylva ( Sénégal)

16) Rais M’Bolhi ( Algéria)

17) Kossi Agassa ( Togo)

18) Bary Copa ( Côte d’ivoire )

19) Richard Kingson (Ghana )

20) Fabien Fernolle ( Bénein)

Facebook Comments

Most Popular

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Facebook Comments