Home abakinyi bakina hanze Blaise Yafashije gushikana Namungo muri Demi -Finale

Blaise Yafashije gushikana Namungo muri Demi -Finale

Kuri uwu wa Kabiri w’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2020, niho umugwi Namungo Fc ukinamwo abarundi nka Steeve Nzigamasabo hamwe na Blaise Bigirimana wakira  Alliance mu rukino rw’igice ca Kane gishira icanyuma c’igikombe citiriwe Azam Sports Federetion Cup . urwo rukino rukaba rwararangiye Namungo Fc wirahiye Alliance ibitsindo 2-0.

Bigirimana Blaise akaba yafashije gushikana Namungo Fc mu rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma c’ico gikombe ca Azam Sports Federation Cup , kuko niwe yatsinze igitsindo ca mbere ca Namungo Ku munota wa 42 w’urukino mugihe ica kabiri cinjijwe na Makanga Ku munota wa 84 .

Namungo Fc ikaba yaciye ija mu gice ca kabiri gishira icanyuma c’igikombe ca Azam Sports Federation Cup .

Mwomenya ko uwuzotwara ico gikombe ariwe azoca aserukira igihugu ca Tanzania mu nkino za CAF Conféderation cup.

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports | Umukinyi mwiza wa Primus league mu nzira yerekeza muri Maroc

Umukinyi w'umusatirizi w'umugwi Aigle Noire yatowe nk'umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Primus league 2019-2020 Nshimirimana Jospin mu nzira yerekeza mu gihugu ca Maroc mu...

Kubwa B Face ngo imbwa ntiheba iyarara

Indirimbo ya B face na BigFizzo izosohorwa na mweneyo, nayo umudiho wa Rap ngo ntiyawuhevye kuko imbwa ntiheba iyarara.  B Face ngo ntiyahagaritse umuziki uri...

Miss Ngozi Kugasaka2020|Un évènement très bien réussi.

Ce samedi le 1er Août 2020, s'est déroulée à NGOZI la grande finale de Miss Kugasaka 2020 ,un concours d' élection d'une jeune fille...

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruhamagarira urwaruka kutaja mu bintazi

Urunani rw’urwaruka ruri kubikorwa SEST ruriko rurafasha urundi rwaruka rwo muri Komine Buganda ruri mu buruhuko kwitunganya Mu ntumbero yo gufasha urwaruka ruri mu buruhuko...

Facebook Comments