Home Uncategorized Urwevu ku bijanye n'ikiza COVID19

Urwevu ku bijanye n’ikiza COVID19

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira ukuntu yobivamwo

Umaze guca urwevu rero uraheza ugatahura ibitari bike. Nk’ukugira ngo umenye ibinyamubiri biriko biratera abantu, ibihugu canke isi,uraheza ukaraba inyifato bafise ugaheza ukamenya rero impwemu zabaganje.

Ingwara iyariyo yose ni  kimwe mu ibitero vy’imyuka mibi. Iyo myuka uraheza ugaca ubona ubwoko bwayo iyo ufatiye ku buryo nya ngwara iheza ikigenza mu mubiri w’umuntu, uravye uko ica imuca iyondoyondo.

Ikiza COVID 19 rero gifise inyifato ifitaniye n’ibinyamubiri vy’ubwishime.( Les orgeuilleux). Ni ibinyamubiri rwankabiyago, bidashaka ko usokorora ururimi ngo ubiryogorane. Bifise ubwishime bwinshi. Uretse rero ko bitaba bishaka n’uwobivugana, vyongeye ntibiba binashaka ko hari n’uwovugana n’uwundi. Bifise inyifato nya mukuru y’ugushira abantu mu mabohero.

Nico gituma rero, mu kiringo bimaze gutera isi, abantu baciye bihuta gukoresha ijambo mu gifarasa vyitwa : confinement. Covid19 rero niyo ntumbero ifise. Imiyaga iri inyuma y’izo mpwemu ifise umugambi w’ukuboha abantu, ibateze imitwe, ibabohe ic’amaso.

Muti none, twoyirwaniriza mu mpwemu gute?

Tutarinze noneho n’ukurandira ngo duhave turondera kuba ”imvugirakuyamara”, intumbero nya mukuru yari iyo ukukubwira uko woshobora guhangana n’iyo miyaga mibi itera Covid 19, ukurwanya ico kiza nimba waramaze gufatwa, canke ukucirinda nimba utarafatwa.

Mu rwevu twaciye twasanze ushobora gukoresha Psaume 19.

Mumenye ko harya, umuti w’ingwara uri muri nya ngwara nyene. Umuti wa COVID19, uri muri Covid 19 nyene!

Yitore uyifate ku mutwe uze urayivuga ugiye kwiryamira canke kandi harya uvyutse kuko mbere, ubwonko bwawe bukazogera aho buyigendera, uzoheza ubone ukize vyinshi.

Kandi rero iyo miyaga kugira mubone iradutse n’uko biba bivanye n’ukuntu abantu twifashe aha kw’isi. Dusanga tuba dufise muri rusangi impengamo iheza igasiga ibihengeri, maze nya miyaga igaheza igaca ironka aho imenera. Iyo psaume 19 rero izonagufasha n’ukwishikana ku Mana , kuko irimwo ijambo rivuga rindi “mbega ni nde yomenya ibigabitanyo vyiwe? riti urambabarira kuvyo ntoba nzi”. Ivyo rero biragufasha ko Imana ikurekurira ivyaha mbere n’ivyo weho utari unazi mubona kenshi abantu twisiga inkore ku maso.

Ikindi naco wohanurwa, ugasanga ukunda ubunywero bw’inzoga woheza ukabwirinda kuko , imiyaga mwene iyo y’ubwishime niho kensi ikunda kuba icumbitse irindiriye ba” gatuku”( abanywi ba cane) kugira ibateze isoni( humiliation) mu kubaha kwiyumvira, kuvuga, canke ukugira inyifato idahesha iteka Umukama, baba bakiri ngaho, canke iyo bashitse mu mihana.

Ni imiyaga inezerwa cane n’ukubona ikiremwa muntu , Imana yari yahaye ishusho ryayo, kiriko gikora ibishoboka vyose kugira kibwiyambure.

Mugume mwibuka gusoma 2 chroniques 7:14( 2 ivyabaye7:14)

Bibwirwa benshi bikumva bene vyo!

NB: Uru rwevu mu buryo bw’impwemu si uruje gusubirira impanuro z’abahinga hamwe n’ingingo zose z’abatware mu kukirwanya, kuko nazo nyene ziba zivuye ku Mana ikoresheje ubwenge bw’abantu . Mu kirundi baca umugani bati ” imiti ikora ikoranye’.

 

Facebook Comments

Most Popular

Diaspora News: Asaba gushigikirwa mw’ihiganwa arimwo rya China Africa cooperation

Umurundikazi Hakizimana Alexia aba mu gihugu c’Ubushinwa  ari mwihiganwa ryitiriwe «China Africa cooperation » arasaba abarundi kumushigikira kugira arabe ko yotahukana iryo higanwa. Kumuha amahirwe...

Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

https://www.youtube.com/watch?v=UqPwmg6YQQY Za ndirimbo zibwa muri Tanzania, zishobora kuba zamaze kuboneka. Igituma nuko umuririmvyi Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkomboz abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook...

Preeze 36 yajanye n’umuryango kwunamira umuvyeyi wiwe “Nahigejeje Wenga Emile”

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Preeze 36 uno musi niho yaja kwunamira umuvyeyi wiwe yabuze atanga, nkuko amashusho yabashije gusangiza abamukurikirana ku rubuga rwa Whatsapp  amwerekana ari ku ntatemwa...

Diamond yagavye Tsh 100,000,000 ayaha aba Motard 1000

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz yaraye yinjirije 100,000,000 z’amafaranga yo muri Tanzania aba Motard 1000 yaguriye igitoro ama litiro 10 y’ubuntu. Ico...

Facebook Comments