Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports| Mercoto Burundi: Kayanza United yoba igiye gusambura Bumamuru?

# Indundi Sports| Mercoto Burundi: Kayanza United yoba igiye gusambura Bumamuru?

Nkuko mu bizi turi mugihe c’igurwa n’igurishwa ry’abakinyi mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rikurikira ry’umwaka wa 2020- 2021 Ku migwi itandukanye ikina mu cicaro ca mbere hano iwacu.

Umugwi Kayanza United waguze abakinyi 3 bose ngenderwako b’umugwi wa Bumamuru Fc wo mu ntara ya Cibitoke .

Abo bakinyi akaba ari aba bakurikira :

1) Flavier
2) Kalata
3) Lionnel

Uwo mugwi ukaba uciye ukwiza abakinyi 5 umaze kugura inyuma ya Iradukunda Didier yakinira Buhumuza na Niyukuri Isai yakinira Olympic Star .

Mwomenya y’uko Umugwi Kayanza United umaze imisi uguze umumenyereza mushasha yahoze amenyereza Aigle Noire Joslin Bipfubusa .

Ukubona rero Umurwi wa Kayanza United umaze kugura abakinyi batatu bavuye muri uwo murwi wa Bumamuru FC hari bamwe babibonye nk’uko Uwo murwi Kayanza FC woba ufise intumbero y’ugusambura umurwi Bumamuru FC.

Facebook Comments

Most Popular

Kern yatsinze , Aigle noir ihabwa ikaze

Ihiganwa rya Basketball i bujumbura ryaratanguye biciye mw'ihiganwa ry'intango bita tournoi d'ouverture ryuguruwe icese kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Myandagaro 2020 ku...

Nkengurutse Brax yabaye MVP

Kuri uyu w'imana niho harangira ihiganwa bise tournoi de l'espérance rikaba ryatahakanywe na Intwari mu bagabo na Sisters mu bakenyezi . Iryo higanwa rikaba ryatunganijwe...

Burarahurwa: STEPHEN R. COVEY ati urafise inguvu z’ukuvyishitura!

Mu gitabo canditse citwa "7 HABITIS OF HIGHLY EFFECTIVE PEOPLE" Stepohn R. Covey arafata ukuboko umusomyi akamutahuza ibitari bite. Ni igitabo rero aho Stephen...

Urwevu: Urukundo rwoba rwaratumye? Menya hano imvo be n’umukenyuro,murugaruze.

  Uko biri aho tugeza amaso Maze rero ugasanga abantu bagishakana , imitima yabo ikaba yuzuye urukundo. Uwuryamye, akaryama ntibuca. Uwubunye uwundi umuti ngo di! gutyo...

Facebook Comments