Home Burundi #miss ku Gasaka| Claudia nta bwoba afise bwo guserukira intara ya Ngozi

#miss ku Gasaka| Claudia nta bwoba afise bwo guserukira intara ya Ngozi

Kireste ko mu buzima ata muntu ananirwa, Claudia Kanyamuneza aremeza ko akwije ibisabwa n’amategeko kugira aserukire intara ya Ngozi.

Abigeme bashika ku ndwi 7 nibo batoranijwe kugira bacagurwemwo umukobwa umwe afise ubwiza yiharije kugira aserukire Intara ya Ngozi ku gasaka ka Inarunyonga.

Claudia ni umwe mu bigeme bafise ibiro bitarenga 60, akagira impamyabushozi y’amashure y’isumbuye, akaba atubatse, asaba ko mwomuha amahirwe yo kwegukana ikibanza ca mbere.

Mu kiganiro imideri Times ca Indundi TV, Kanyamuza asaba umuntu wese akunda Intara ya Ngozi ko yoza gushigikira abo bigeme bagiye guhagara rugabo kw’iterambere ry’Intara yabo, hakazoba ari kw’itariki yambre 01 Myandagaro(08) kuri Nobel ahahoze hitwa Belveder hepfo y’ikirimba c”Umukuru w’igihugu.

MU kiganiro ciyaguye mushobora gukurikirana Imideri Times aho musi

Facebook Comments

Most Popular

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana! Twihweje igitabo citwe "The Seven habitis of Highly effective people" candistwe n'uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko...

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati: “Nitwa DUSENGE Ketty Ange...

Facebook Comments