Home Burundi Big Fizzo yubatse ru Kritsu na Edith Stein kw'isabukuru y'amavuko yiwe

Big Fizzo yubatse ru Kritsu na Edith Stein kw’isabukuru y’amavuko yiwe

Kuri uno wagatandatu igenekerezo rya25 Mukakaro2020 niho umuririmvyi Mugani Désiré azwi cane nka Big Fizzo yubaka ru kritsu n’umutambukanyi wiwe kimana Edith Stein.

Igenekerezo rya25 Mukakaro rikaba ari igenekerezo ry’isabukuru ry’amavuko y’umurimvyi Big Fizzo, ni naho uwo muririmvyi yashimye kwubaka rukistu n’uwusanzwe ari Manager wa Label ya Bantu Bwoy Entertainment Kimana Edith Stein basazwe bafitaniye umwana umwe w’umukobwa mukiringo c’umwaka bari bamaze bubatse imbere y’amategeko(Etat-civil) .

Kuri iryo genekerezo nyene Big Fizzo yashize ahabona amasanamu y’indirimbo “Ubusa” indirimbo irimwo ubutumwa bwishi kandi ibonekamwo amasanamu y’uwo mutambukanyi wiwe.

Nk’umukunzi w’umuziki ndundi wibazako ivyo vyose vyoba bivuze iki kuri Big Fizzo?

Indundi Magazine ikaba yipfurije uwo muririmvyi  ubugeni bwiza, ikifuriza urwo rugo kuba amakara ntibabe urubeya

Facebook Comments

Most Popular

# Indundi Sports | Ndayishimiye Mike Tresor yipfuzwa na CSKA Moscou

Umukinyi Ndayishimiye Mike Tresor yari asanzwe akinira umugwi wo mu cicaro ca mbere muri Hollande Willem, ariko aripfuzwa cane n'umugwi ukomeye wo mu Burusiya...

#diaspora|Myfin microfinance igiye kworohereza abarundi baba mu mahanga kuzana imitahe

Hagiye kwugururwa ishirahamwe ryo kuziganya no kugurana(microfinance Myfin),mu ntumbero yo kworohereza abarundi baba mu mahanga gushika imitahe yabo hano mu gihugu. Ubucuti buri hagati y'ishirahamwe...

# Indundi Sports | Official : Iddy Muserem yamaze gusinya muri Gasogi United

Inyuma y'urukurukuru rwava mugihugu c'Urwanda  ruvuga ko umusatirizi w'umugwi Messager Ngozi ashobora kwerekeza muri Gasogi United muri ico gihugu , urukurukuru rwahavuye ruba inkuru...

David Ndikuriyo yimitswe mu mabanga mashasha

Umukinyi wa kera w'umupira w'amaguru akaba yarigeze no kuba umunonotsi Ndikuriyo David batazira Maras yagenywe mu mabanga yo kuba musitanteri wa komine Mabanda mu...

Facebook Comments