Home BDUSA #diaspora|Nziza Desire| Iwanyu ngo hazoguma ari iwanyu

#diaspora|Nziza Desire| Iwanyu ngo hazoguma ari iwanyu

Bamwe mu barundi baba inyuma y’igihugu(Diaspora Burundaise) bamenyesha ko ubutumwa buri mu ndirimbo nshasha ya Nziza Desire bwabashitse ku mutima ndetse bakanaboneraho n’akaryo ku gukebura uwo wese agenda avuga nabi igihugu ciwe ngo nuko kirimwo ibibazo, ko yomenya ko “ataworeka kwonka nyina ngo arwaye amabere.”

Ngo ntawobidoha ko mu bwa Nyaburunga ibere ryayaze, abavukana baracanamwo, mbera biranashika naho bakoze ibicamutwe, haranagera naho imitwe itibuka kuri bamwe, ariko Uburundi bwagumye ari umuvyeyi wa bose, ngo ntibisigura ko umuntu avuye mu gihugu c’amavukiro naco gica kikuvamwo.

Ayo ni amwe mu mambo y’inkoramutima ari mu butumwa bwagiye bushikirizwa(coments), inyuma yaho umuririmvyi Nziza Desire ashiriye ahabona indirimbo yise “Iwanyu”

Nziza nawe akaba atarya umunwa mu kuvuga ko naho wozunguruka isi yose, umutima wawe uzoguma ukwibutsa iwanyu, arabandanya akavuga ko ata muntu atarakwiye kuvuga nabi iwabo kuko hazuguma ari iwobo yahavuga nabi yahareka.

Mu kiganiro gito uruganda rwa indundi Magazine mu gisata carwo ca Diaspora, Nziza Desire yamenyesheje ko ubutumwa buri muri iyo ndirimbo ari ubwa abarundi bose muri rusangi yaba ababa mu gihugu canke mu mahanga, ndetse n’abanyafrica bukabaraba , akamenyesha ko uwambaye ikirezi atamenya ko cera, ngo abarundi bari bakwiye gukunda igihugu kuko uretse ko ariho bataye uruzogi, ngo igihugu ni ciza, nibo bo kugiteza imbere.

Desire yaboneyeho ku menyesha Abarundi n’abanyarwanda ko misi ya vuba aza ku bateramisha murivyo bihugu vyompi.

Nayo ku bakunzi b’umuziki wiwe ngo iyindi ndirimbo arayibaha vuba cane, ngo ni babe baranezerwa banatambe “Iwanyu” kuko iri mu mudiho w’ikirundi utambika.

Indirimbo iwanyu ikaba igiye ahabona inyuma y’iyo yise “Murasa” yari imaze imisi ibica bigacika, ndetse yanakoreye n’ibiteramo bitari bike ku mugabane wa Bulayi.

Nziza Desirer akaba abarizwa ku mugabane wa America i Texas mu gisagara ca Dalas, akamenyesha ko umutima wiwe wirirwa mu Burundi ukarara mu mahanga.

Facebook Comments

Most Popular

Hagati ya Sat-b na Big Fizzo hashobora kuba hasubiriye gusha

Biragoye gutora ikiriko kirakinwa hagati ya Big Fizzo na Sat-b kuko wokwibaza ko icuka coba kitari ciza muri ino misi, ivyo tukabivuga twisunzi ivy’umwanditsi...

Emery Sun ngo abaririmvyi n’indyadya gusa

Emery sun ngo abaririmvyi bose n’indyadya gusa, ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu ikiganiro aheruka guha Imboneshakure Indundi Tv. Muri ico kiganiro akaba yagarutse ku...

# Indundi Sports | Ndayishimiye Mike Tresor yipfuzwa na CSKA Moscou

Umukinyi Ndayishimiye Mike Tresor yari asanzwe akinira umugwi wo mu cicaro ca mbere muri Hollande Willem, ariko aripfuzwa cane n'umugwi ukomeye wo mu Burusiya...

#diaspora|Myfin microfinance igiye kworohereza abarundi baba mu mahanga kuzana imitahe

Hagiye kwugururwa ishirahamwe ryo kuziganya no kugurana(microfinance Myfin),mu ntumbero yo kworohereza abarundi baba mu mahanga gushika imitahe yabo hano mu gihugu. Ubucuti buri hagati y'ishirahamwe...

Facebook Comments