Home Burundi Harimirije ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga i Gihanga

Harimirije ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga i Gihanga

Umugwi Akaranga cyclisme Club w`igihanga mu ntara ya Bubanza urongowe na Emery BADOGO uriko urategura ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ryo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 1 Myandagaro 2020 .

Ihiganwa rikaba rizoba ritunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza umunsi wahariwe amakomine kw’ igenekerezo rya 08 Myandagaro, uwo musi ukaba uhimbazwa uko umwaka utashe.

AKARANGA Cyclisme ni umwe mu migwi yo gusiganwa ku makinga umaze kuramura abatari bake mu bijanye nurwo rukino nk’ishirahamwe ryo gusiganwa ku makinga na cane cane umugwi nserukiragihugu wo gusiganwa ku makinga ukaba amaze kuramura abakinyi batari bake.
Mwomenya ko n’icegera c’uwurongoye ishirahamwe ryo gusiganwa ku makinga hano mu Burundi umushingantahe Félix yamuka muri uwo murwi nyene wo muri komine Gihanga.

Facebook Comments

Most Popular

BigFizzo yaguye mu gahundwe abonye Lolilo aririmba adakoresheje CD

Big Fizzo ngo yaratangaye cane abonye Lolilo kuri Stage ariko aririmba Live, akabikora ku ndirimbo zitari nke. Ivyo n'ibiheruka gushikirizwa na Lolilo ubwiwe mu...

Kern yatsinze , Aigle noir ihabwa ikaze

Ihiganwa rya Basketball i bujumbura ryaratanguye biciye mw'ihiganwa ry'intango bita tournoi d'ouverture ryuguruwe icese kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 8 Myandagaro 2020 ku...

Nkengurutse Brax yabaye MVP

Kuri uyu w'imana niho harangira ihiganwa bise tournoi de l'espérance rikaba ryatahakanywe na Intwari mu bagabo na Sisters mu bakenyezi . Iryo higanwa rikaba ryatunganijwe...

Burarahurwa: STEPHEN R. COVEY ati urafise inguvu z’ukuvyishitura!

Mu gitabo canditse citwa "7 HABITIS OF HIGHLY EFFECTIVE PEOPLE" Stepohn R. Covey arafata ukuboko umusomyi akamutahuza ibitari bite. Ni igitabo rero aho Stephen...

Facebook Comments