Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Jimmy Ndayizeye arabeshuza ibiriko biramuvurwako.

# Indundi Sports | Jimmy Ndayizeye arabeshuza ibiriko biramuvurwako.

Kur’ uyu wa Kabiri igenekerezo rya 28 Mukakaro 2020, haramutse haboneka amakuru avuga y’uko umwanya n’umwanya umumenyereza w’umugwi Messager Ngozi Jimmy Ndayizeye ashobora kwerekeza mu gihugu c’urwanda mu Mugwi Mukuri Victory Sport .

Inyuma y’ayo makuru Jimmy Ndayizeye yaciye anyarukira kubibeshuza nk’uko yabimenyesheje ikinyamakuru canyu  Indundi Sports.

Jimmy Ndayizeye akaba ari we yatowe nk’umumenyereza w’ihiganwa rya Primus league ry’umwaka wa 2019-2020 akaba ari na we yahesheje igikombe Umugwi Messager Ngozi .

Akaba akaba amaze kumenyereza imigwi itari mike nka Muzinga , Academy Tchite , LLBS4A , Espoire yo mu Rwanda muri kino giha akaba akiri umumenyereza wa Messager Ngozi .

 

 

Facebook Comments

Most Popular

Ibanki BIJE ngo igiye gutangura gutanga ingurane ku rwaruka

Ibanki y’Urwaruka BIJE (Banque d’Investissement pour les Jeunes) ngo igiye gutangura gutanga ingurane ku rwaruka. Ni ivyaraye bishikirijwe n’umushikirangaji ajejwe urwaruka, imico n’akaranga i Gitega...

Culture : Baraye batahukanye ikibanza ca mbere

Umurwi w’abavuza ingoma «Amagaba » wari waserukiye igisagara ca Bujumbura niwo waraye utahukanye ikibanza ca mbere. Hari i Gitega ku murwa mukuru wa poritike neza na...

Yaoundé ngo ntacobuza ko Saidi Ntibazonkiza yoshikana imyaka 40 ariko arakina

  Mu gihe umugwi w’intamba mu rugamba wari uhejeje kwirahira Mauritania ibitsindo 3-1 , umumenyereza Kanyenkore Jean Gibert Yaoundé  yarashimishijwe cane n’ingene Saidi Ntibazonkiza yavyifashemwo...

Umuganga w’umuhisi yatanguye kugirirwa amatohoza

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 30 Munyonyo 2020, abajejwe gutanga ibirego mu gihugu ca Argentine batanguye kugirira amatohoza umuganga w’umuhisi Diego...

Facebook Comments