Home Diaspora Inarunyonga yavuze kw'ihagarika ry'umuziki akaja muvy'amareresi

Inarunyonga yavuze kw’ihagarika ry’umuziki akaja muvy’amareresi

Inarunyonga afise umugambi wo guha umwanya ingabire yiwe yo gukina ireresi gusumba umuziki muri kino gihe.

Inyuma y’igihe asa n’uwuri mu gacerere, Ndayishimiye Arlaine benshi bazi nka Inarunyoga yasubiriye kandi kugaruka n’ibikorwa bishasha.

Mu kiyago yagiranye na Indundi magazine yavuze ko hari ireresi aheruka gukinamwo muri amerika iyo abarizwa muri kino gihe. Iryo reresi rizoba rifise ibice vyinnshi -Episodes-, ngo rizoba rifise vyinshi rihanura.

Twashatse kumenya igituma ashimye guhera ku mareresi, yatubwiye ko ari imwe mu ngabire afise. Ariko akaba atabashije kuronka uko ayikoresha nkuko yabikoze ku muziki. Arico gituma ashaka kubanza kwanza guha umwanya amareresi gusumba umuziki.

Inarunyonga avuga ko atahagaritse umuziki, ariko ngo hari ibintu bitarakwira kugira abashe gusubira kandi mu muziki. Ariko akavuga ko atahagaritse umuziki, ariko yabanje kwanza kuwushira ku ruhande.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi ndundi, Inarunyonga muri iryo reresi bise The Sisters, akina nk’umuririmvyikazi.

Facebook Comments

Most Popular

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Diaspora: Amarushwa ashobora gushikira umuntu kubera ari mu mahanga.

Ba Sokuru nibo bayamaze bati amahanga aragurana! Twihweje igitabo citwe "The Seven habitis of Highly effective people" candistwe n'uwitwa STEPHEN Corvey, turasangamwo ahantu avuga ko...

Diaspora News : Dusenge Ketty Ange asubiye guserukira Uburundi mw’ihiganwa mpuzamakungu

Abicishije kumbuga ziwe, ni Dusenge Ketty Ange yatumiriye abarundi n’abarundikazi kumushigikira mu kumutora kuba umunyamideri w’umwaka aho yanditse ubutumwa agira ati: “Nitwa DUSENGE Ketty Ange...

Facebook Comments