Home kirundi Uwuramutswe igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ataje gukoresha inguvu.

Uwuramutswe igisagara ca Bujumbura yamenyesheje ko ataje gukoresha inguvu.

Mu gihe guhera itariki 13/7 umugwa mukuru w’Ubudandaji, Bujumbura, uheruka guhabwa umutware mushasha, umuntu yokwibaza imigambi azaniye abanyagisagara. ico kibazo nyene caribajijwe na bagenzi bacu bakorera insamirizi Isanganiro, noneho baraduserukira baganiriza Com. Jimmy aheruka kubisikanya na Hon.Freddy mu kibanza co kurongora ico gisagara.

Muri ico kiyago, uwo mutware yatangiye umuco aho yaganira, ashikirije imigambi mikuru mikuru azohagararako, irimwo gushira amatara mu bararaba y’igisagara, kuzibira ibinogo mu mabarabara, gusukuru igisagara, atibagiye amahoro n’umutekano kuko ngo arico nya mukuru.

Yagize ati : “Itariki 13 z’uku kwezi niho twabisikanya na Hon. Freddy, aho yansigiye imigambi mikuru mikuru nzoheza nanje nkabandanirizako. Umugambi wa mbere n’amahoro n’umutekano, murazi yuko ata mahoro n’umutekano nta na kimwe gishoboka gukorwa.”

Mu gihe hirya no hino kw’isi ibisagara n’ibihugu bitandukanye bibandanya gufata ingingo kugira hatuzwe ikiza Corona Virus, n’igisagara ca Bujumbura ngo nticasigaye inyuma. Yagize ati :“Umugambi wa kabiri yansigiye, yarambwiye yuko nobandanya guhimiriza abenegihugu ku kiza Corona Virus.”

N’ibinogo bisigaye ari imyidogo y’abatari bake na canecane abatwara imiduga na bene imiduga ubwabo,navyo biri mu biri imbere mu bizorabirwa hafi n’umutware mushasha w’igisagaraca ca Bujumbura. “Umugambi wa gatatu, uwo naranawutanguye, n’umugambi wo kuzibira ibinogo mu gisagara ca Bujumbura, kuko ibinogo birageramiye amabarabara.”

Uwundi mugambi Hon. Freddy yasigiye umusubirizi wiwe n’umugambi wo gushira amatara ku mabarabara y’igisagara ca Bujumbura. Yagize ati “Umugambi ukurikira, n’umugambi wo kwatsa amata mu gisagara ca Bujumbura, hakabona, kuko murazi yuko ahantu hari ‘umwiza, ariho  n’abagizi ba nabi bikika.”

Yongeyeko ko : “Hariho umugambi nyamukuru wo gushiraho ubuhinga bwa none bw’ama service yo muri mairie. Uwo mugambi waratanguye mugabo tuzowubandanya kugira tugume turi mw’iterambere.”

Utugozi turi ku ma barabara yinjira mu gisagara ca Bujumbura natwo ngo bagiye kuduhagurukira, aho avuga ko bazohashira naho ubuhinga bwa none ngo amahera ntasubire kwinjira mu mifuko y’abantu, ahubwo aje mu kigega ca Leta akaba yabishikirije muri aya majambo:

“Umugambi ukurikira, murabona ko hariho ibintu bise utugozi, aho haca imiduga myinshi ivuye hagati mu gihugu, aho tuzogerageza tuhashire ubuhinga bwa none, kugira amahera ntazosubire kwinjira mu mifuko y’abantu, azoce agenda directement mu ma banke.”

Iyindi migambi Com. Jimmy yashikirije n’ugusukura igisagara hamwe n’ukugishariza, kugira igisagara naco kibe nk’ibindi bisagara. Navyo yabishikirije avuga ntya:  “Uwundi mugambi, ni umugambi wo gusukura igisagara ca Bujumbura. Murazi ko imicafu dutegerezwa kuyegeranya, rero iyo micafu tuzoyegeraniriza ahantu, twongere tunahubake neza kugira habe aho guta imicafu. Iterambere niryabandanya, hazogera igihe tuyihingura havemwo ibintu bitandukanye nk’ivyumva canke ifumbire rya kijambere. Ikindi yadusigiye kandi twiyemeje n’ugushariza igisagara ca Bujumbura. Turafise ahantu henshi ho gushariza, ico kintu naco rero tuzogikora kuko tugomba kibe nk’ibindi bisagara vyo mw’isi yose kuko ntitwosigara inyuma, na canecane ko ibikenewe vyose tubifise hafi.”

ComissaireGénéral de la Police Jimmy yanagarutse kandi ku bana bo mw’ibarabara aho avuga ko bagiye kubandanya babasubiza iwabo, vyanse abakuze babahe ibikorwa, abato babasubize mw’ishure. Nayo ba bavyeyi badandariza inyuma y’isoko ngo bagiye kuja inama n’ingingo babaronderere iyo baja kudandariza, kuko ico igisagara ca Bujumbura kidashaka ngo nuko badandariza hagati mu gisagara. Abishikiriza muri ano majambo:

“Hari ikindi gihambaye cane rwose, turafise abana benshi mu gisagara ataco bariko baratumarira, bamwe bise les Enfants de la rue. Abo tuzobandanya tubafata tubasubiza iyo bava. Mugabo tubona baguma bagaruka, tuzobaha ibikorwa, muri bo abisumbuye gatoya tubahe ibikorwa bimwe mu gifaransa bise corvées . Abakiri bato nabo tubashire mu mashure kugirango tubigishe akarangamutima kugira ejo bazogire ico bavamwo, kuko umwana akiri muto umwigishije birasumba kwigisha umuntu akuze. ikindi tuzohava dukora, ni aba badamu badandariza ivyamwa ahahoze isoko rikuru ya Bujumbura, nk’uko twavyiyemeje, tuzoja inama n’ingingo twumvikane turabe aho tubashira kugira ntibaze barazerereza ivyo badandaza mw’ibarabara.”

Ku kibazo c’iyo ubwo buryo buzova, uwo mutware mushasha yamenyesheje ko buzova mu makori abenegihugu batanga, ari naco gituma ngo abona ko ico gisata cotezwa imbere gusumba.

Comissaire Général dela Police Jimmy yanabajijwe nimba hatagiye gukoreshwa inguvu z’igipolisi, ubona ko ari naco gisata yabarizwamwo. Muri ico kiyago n’Isanganiro yishuye ko ata nguvu aje gukoresha, kuko yaba igisagara ca Bujumbura mbere n’inzego z’umutekano, vyose ngo bibarizwa mu bushikiranganji bumwe. Kubwiwe ngo ntaho umunyagihugu canke umupolice atokorera.

Mwomenya ko Commissaire General Jimmy aje gutwara igisagara ca Bujumbura inyuma y’aho yaramaze igihe kitari gito atwara Igisata kijejwe abinjira n’abasohoka mu gihugu, PAFE.

Facebook Comments

Most Popular

Urwevu: Ijuru ribaho ye baga! ( New Jerusalem)

Amezi icenda tumara mu nda, tuyamara tudaca n'ikanda ry'ivyo turi. Ikindi kiringo kitari gito, tukimara mu bwana tutazi ivyo turimwo, tutazi igituma, gushika rero...

# Indundi Sports | Umukinyi mwiza wa Primus league mu nzira yerekeza muri Maroc

Umukinyi w'umusatirizi w'umugwi Aigle Noire yatowe nk'umukinyi mwiza yaranze ihiganwa rya Primus league 2019-2020 Nshimirimana Jospin mu nzira yerekeza mu gihugu ca Maroc mu...

Kubwa B Face ngo imbwa ntiheba iyarara

Indirimbo ya B face na BigFizzo izosohorwa na mweneyo, nayo umudiho wa Rap ngo ntiyawuhevye kuko imbwa ntiheba iyarara.  B Face ngo ntiyahagaritse umuziki uri...

Miss Ngozi Kugasaka2020|Un évènement très bien réussi.

Ce samedi le 1er Août 2020, s'est déroulée à NGOZI la grande finale de Miss Kugasaka 2020 ,un concours d' élection d'une jeune fille...

Facebook Comments