Home Athletisme Francine yerekanye iyo akura ubutunzi afise

Francine yerekanye iyo akura ubutunzi afise

Ikibanza Francine Niyonsaba agezeko uno musi ngo ntiyarazi ko yokigezeko. Ariko icamuteye gushika aho ageze, uwo munonotsi avuga ko ari ubwira, ubukerebutsi n’ukwitanga cane.

Uwo mwana yavukiye mw’ikomine vyamusaba amasaha abiri kugira ashike ku mugwa mukuru w’intara ya Ruyigi, ngo uno musi amara igihe kinini mu mwaka muri State ya Oregon muri Leta zunze ubumwe za amerika, akimenyereza ku cicaro ca NIKE.

Bujumbura iri muvyamuteye gukora cane ubwa mbere kugira abashe kumanukanwa mw’ihiganwa, akanahaba rimwe na rimwe asavye indaro mu bantu atanico basana, ngo ubu ahafise inzu y’akarorero muri Quartier yitwa Le Mirroir iri hafi y’ikibuga c’indege ca Bujumbura.

Uwo munonotsi afise izina rikunzwe cane kw’isi kubera ibibanza akunze kuronka mu mahiganwa atandukanye akora, ngo ntaciyunguruza n’amaguru nkuko vyahora, ariko nawe asigaye afise ingendeshwa.

Iyo ngendeshwa asigaye afise, uwo munonotsi yamenyesheje mu kiyago Imboneza Talk Show ko iri mu bwoko bwa Toyota Landcruiser V8. Iyo ikaba ifise agaciro kababa 360, 000, 000 fbu.

Muri ico kiyago Imboneza Talk Show, yajijwe nimba uburyo bumufasha kubaho abukura mu kwinonora gusa canke afise ikindi asanzwe akora, noneho ababwira ko ata kindi akora, atari ukwinonora imitsi gusa.

Basubiriye kumubaza uko buboneka, aca asigura ko abantu bamaze kugera kure nkawe amafaranga bayakura mu masezerano baba bafitanye n’amashirahamwe akomakomeye, we akaba ayafitanye na NIKE. Ayandi nayo ngo ayakura mu mahiganwa mpuzamakungu aba yitavye.

Ku kibazo c’uko hano iwacu abanonotsi bashobora gutungwa n’uwo mwuga gusa, Francine ngo nta cizere abifisemwo kuko habura vyinshi kugira bikunde ko ata kindi bobibangikanya.

Facebook Comments

Most Popular

Success: Mbega weho ku bwawe succès ni iki? Ni ukugira amafaranga menshi?

Abandi banditsi batandukanya bagiye bariyumvira définition boha ijambo "succès" basanga  ntivyoroshe. Nk'uwitwa Jim Rhon mu gitabo yanditse citwa' 7 Strategies for Wealth and Happiness"...

Mista Champangne yagirijwe uburozi, batanga n’ivyemezo

https://www.youtube.com/watch?v=RSdpqBI8WlM Mista Champagne yagirijwe uburozi impande zose, haba mu baririmvyi co kimwe na bamwe mu bahoze ari abamenyeshamakuru, ariko bagikurikiranira hafi ivy'uwo muziki. Inyendamuvano ni Post...

# Indundi Sports| Rallye yungururijwe ku yindi sango ku mvo z’urufpu rw’umunywanyi wayo

  Komite shingwa bikorwa (Exécutif)ya Club Automobile yo mu Burundi muri Rallye iri n’umubabaro mwishi wo kubamenyesha urupfu  giturumbuka rw’umunywanyi wayo. Niyonkindi Didier akaba yitavye Imana...

# indundi Sports | Jimmy Ndayizeye ngo Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka Yanga Africans

  Umumenyereza mukuru w’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Jimmy Ndayizeye yavuze ko umukinyi w’intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza niwe azoheka umugwi Yang Africans mu...

Facebook Comments