Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | BS Dynamik igiye kumenyerezwa n'umumenyereza yavyigiye i buraya

# Indundi Sports | BS Dynamik igiye kumenyerezwa n’umumenyereza yavyigiye i buraya

Inyuma yaho ubuyobozi bw’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ( Direction Téchnique)bushikirije amategeko mpuzamakungu bwahawe na CAF avuga ko ata mumenyereza n’umwe yemerewe kumumenyereza umugwi uwariwo wose wo mu cicaro ca mbere mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2020-2021 adafise Licence C,Burundi Sports Dynamik yazanye uwagiye kurahura ubwenge hakurya y’amazi.

Kumvo zuko umugwi Burundi Sports Dynamik wari ufise umumenyereza   Nsabimana Bakari afise licence D, waciye wikora kumumenyereza mushasha bazofashanya yavyigiye ku mu mugabane  wa bulayi mu gihugu c’Ububirigi akaba afise Licence B ya UEFA.

Mugunga Dieudonné akaba yigeze gukinira imigwi nka Maniema Fanaatic ya hano iwacu hamwe na Kiyovu Sports mu gihugu c’urwanda .

– Mu mwaka wa (2012-2013) yamenyereje Academy ya AEDEC Hyon yo mu bubirigi.

– mu mwaka wa 2013-2014 umumenyereza wa IEDEC Hyon yo mu bubirigi .

– Mu mwaka 2014-2015 yamenyereje umugwi wa IEDEC U 17 Hyon wo mu bubirigi.

-Mu mwaka 2014-2015 yamenyereje Umugwi wa IEDEC U 19 Hyon wo mu bubirigi

– Mu mwaka 2015-2016 yamenyereje Umugwi wa IEDEC wa U 21 Hyon wo mu bubirigi .

– Mu mwaka wa 2016-2019 yamenyereje Umugwi wa Athletico Olympic wa hano iwacu

– Mu mwaka wa 2019-2020 yamenyereje umugwi wa Kiyovu Sports wo mu gihugu cc’urwanda.

Ibi nivyo vyigwa amaze gukora mu bijanye n’ubumenyereza :

1) 2013 : Attestation de Moniteur Sportif Initiateur D’ADEPS

2) 2014 : Attestation de Moniteur Sportif Educateur D’ADEPS

3)2014: Brevet C de l’école Fédérale des Entraineurs de Football

4) 2015: Brevet B de l’école Fédérale des entraineurs de Football

5) 2016: Diplome UEFA B de l’école Federale des entraineurs de football en Belgique

6) Certificat d’entreneur de Football d’elite

Gushika ubu indundi Sport ikaba itaramenya neza amasezerano yagiraniye n’uwo mugwi,  kiretse ko amakuru ava kuri Manager Mutima Constatin ajejwe kugura abakinyi muri BS Dynamik atumenyesha ko uwo mumenyereza agiye gutangura akazi kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 10 Myandagaro Isaha icenda 15h00 Ku kibuga ca DCA.

Facebook Comments

Most Popular

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo rwiwe rwa mbere hanze y’igihugu

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashe, kuri uyu wa gatandatu, urugendo rwiwe rwa mbere hanze y'igihugu kuva atowe kurongora igihugu. Perezida Evariste Ndayishimiye akaba yagendeye...

Abari bateshejwe izabo n’imyuzurira basubijwe mu zabo

Imiryango irenga ijana na mirongo itatu y'abari bateshejwe izabo kubera imyuzurira bahora begeranirijwe muri karitiye Winterekwa iri muri zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura...

Kurekurirwa gukuramwo inda mu Rwanda vyabereye ngirakamaro abakobwa 150,000

Itegeko riha uburenganzi abana b'abakobwa gukuramwo inda mu gihugu kibany ic'Urwanda ryahinyanyuwemu mwaka wa 2018, ngo ryabaye ngirakamaro ku bakobwa barenga 150,000 bakuriwemwo inda. Iryo...

Uwafashe umwana ku nguvu azokatwa udusaho tw’intanga-ngabo

Intara imwe muri Nigeria igiye gutangura guhana bimwe vy'akarorero agabago bahamwe n'icaha co gufata ku nguvu abagore. Buramatari Nasir Ahmad El-Rufai wa Leta ya Kduna,...

Facebook Comments