Home Basketball Gymkhana yaronse itike

Gymkhana yaronse itike

Mu gihe kuri uyu wa gatandatu hazokinwa inkino z’igice cakabiri gishira ica nyuma c’inkino zugurura ihiganwa(tournoi d’ouverture), imirwi itatu niyo yarimaze kuronka uburenganzira .

Urunani , Dynamo na Les Hyppos mu kurindira urukino rwaraye ruhuje Mutanga united na Gymkhana ,Gymkhana akaba ariwo murwi muyatsinze bike mu ndwi iheze kubera ko Dynamo yatsinze Kern impaga ibituma yongerwa amanota 20 kuyo yari yatsinze nkuko amategeko ibivuga Kern icihanishwa ihadabu y’ibihumbi 50 .

Urwo rukino rwaraye rukinywe ku kibuga ca Jabe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 13 myandagaro 2020. Umurwi Gymkhana ukaba watsinze vyoroshe Mutanga United amanota 56 kuri 39 bica bituma uwo murwi uhamvya iyindi mu gice ca kabiri gishira ica nyuma .

Ikiboneka nuko habonetse imirwi yabandanije akaba ari Gymkhana , Urunani , Les Hyppos na Dynamo .

Biranugwanugwa ko Urunani izohura na Gymkhana , Les Hyppos nayo itana mu mitwe na Dynamo .

Facebook Comments

Most Popular

UEFA : Aba nibo bamenyereza bahiganirwa agashimwe k’umwaka

Abasanzwe batwara ihiganwa rya UEFA Champions league bashize ahabona abamenyereza 10 hazotorwamwo 1 kugira atahukane agashimwe k'umwana 2019-2020. Muri kino gihe hakaba hasigaye abamenyereza 3...

PLB : Uku niko imigwi izohura kundwi ya 4

Ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Primus league rigiye kubandanya kundwi yaryo ya 4 mu mpera z'ino ndwi. Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 27...

Preeze36 ngo uwushaka kukurya ntabura imboga agukoza,bareke kugiranira imimenyerano

Preeze36 nawe yagize icashikiriza ku kibazo kimaze imisi kigisibije ca ba Djs n'inyuma y’ukuzinduka abona ubutumwa butandukanye bwabaye bagenda batuka aba Djs, agasaba bagenziwe ...

Abarundi bari bamaze inisi bugaraniwe mu Rwanda batahutse

Kuri uno wa kane, igenekerezo rya 24 Nyakanga 2020, impuzi z'abarundi bangana n’ijana na cumi na babiri bari bugaraniwe mu bisagara bitandukanye vy'igihugu c'Urwanda...

Facebook Comments