Home Burundi Sat-b, Big Fizzo, Natacha, Miss Erica na bagenzi babo bariko bitwara neza...

Sat-b, Big Fizzo, Natacha, Miss Erica na bagenzi babo bariko bitwara neza I Kigali

Abaririmvyi batari bake b’abarundi babandanya bitwara neza I Kigali, aho bibandanije bigenda neza nkuko biri uno musi, mu myaka 5 gusa Uburundi bwoba bwisubije ikibanza bwari bufise aho hambere hahise muri kano karere.

Inyuma y’ukumara igihe I Kigali aho yakoreye umuziki imisi itari mike, ariko mu nyuma akaza gusubira I Bujumbura kugira abandanya akora ibikorwa vyiwe vy’umuziki, Sat-b yabashije gushika ku mitima y’abanyarwanda batari bake.

Indirimbo yiwe isohotse, I Bujumbura co kimwe n’I Kigali iba ifise umwanya mwiza mu benegihugu, naho ishobora kuba itavuzwa neza ku ma radio I Kigali nk’I Bujumbura. Ariko ikimaze kuboneka nuko indirimbo ziwe ziheza zikavuzwa hirya no hino mutwo abenshi bita udu Studio dusanzwe tudandaza umuziki, hamwe no mu butambiro butari buke.

Ivyo bigaca bifatana nuko I Kigali umuziki ndundi usa n’uwuriko urafata, kuko kanatsinda abarundi batari bake bavuza umuziki wa Live bigaruriye ako karere k’uwo muziki mu bubare butandukanye. Aho tukavuga nk’imirwi nka Beat band urimwo Christian Ninteretse yatwaye Primusic, umurwi wa Kiki Toure, umurwi Chare jazz band urimwo abahoze muri Peace and Love, Olga canke R Flow.

Naho bitakimeze nka kera, abaririmvyi batandukanye barimwo Miss Erica, Sat-b, Big Fizzo,  Masterland, Natacha n’abandi bariko baritwara neza, kuko n’imboneshakure nyarwanda zisigaye zivuza indirimbo zabo.

Bamwe bakabona ko nka hamwe umuziki ndundi ubandanije utera imbere nkuko biriko biraboneka muri kino gihe, mu myaka 5 iri imbere, abarundi bazoba bamaze kugarukana ikibanza bari bafise mu myaka ya 2005 mu muziki wo muri kano karere.

Mwomenya ko bamwe mu basanzwe batembera muri tuno turere kandi bakunda umuziki, bemeza ko ingabire ndundi ziriko zirakora ibikora inka muri kano karere, kuko aribo basa n’abafashe inkingi ikomeye y’umuziki muri kano karere, uhereye muri Tanzania ugashikana muri Kenya.

Facebook Comments

Most Popular

Umugwi ndangakaranga AMAGABA ugiye guserukira igisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru wa Poritike

Inyuma yaho umugwi ndangakaranga Amagaba babaye aba mbere mu migwi cumi ivuza umurisho w’ingoma i Bujumbura ngo bagiye guserukira igisagara ca Bujumbura muntara ya...

Makamba : Ibikorwa bigeze ku rugero rushimishije

Ibikorwa vyo kwubaka ikiraro ca Nyabusunzu kiri kw'ibarabara ry'igihugu inomero 11 (RN11) rica Mabanda- Makamba- Rutana- Cankuzo) ngo bigeze ku ntambwe ishimishije. Bishikirizwa na...

# Indundi Sports| Umurundi niwe agiye kumenyereza Azam Fc vy’imfatakibanza

  Umugwi Azam Fc wasezereye uwahoze ari umumenyereza wawo mukuru Aritstica Cioaba n’uwundi yama akoresha imyimenyerezo yo kugorora imitsi. Azam Fc yahisemwo gusezerana nabo bamenyereza bamaze...

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Facebook Comments