Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Ndayishimiye Mike Tresor yipfuzwa na CSKA Moscou

# Indundi Sports | Ndayishimiye Mike Tresor yipfuzwa na CSKA Moscou

Umukinyi Ndayishimiye Mike Tresor yari asanzwe akinira umugwi wo mu cicaro ca mbere muri Hollande Willem, ariko aripfuzwa cane n’umugwi ukomeye wo mu Burusiya CSKA Moscou.

Ironderwa ry’uyo mukinyi rikaba ryanditswe n’ikimenyeshamakuru co mu Bubirigi  WALFOOT .

Mike Tresor akaba afise se w’umurundi ariwe Ndayishimiye Fredy yigeze gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu myaka ya 1995 akaba yarigeze no Kuba mu rutonde rw’abakinyi b’intamba mu rugamba y’abadashikana imyaka 20 bigeze gukina igikombe c’isi .

Mike Tresor rero muri kino gihe akaba afise ubwene gihugu bw’ububirigi , akaba amaze no gukinira umugwi w’abakiri bato wo muri ico gihugu .

Nabwo biri uko aremewe gukinira umugwi nserukira gihugu w’intamba mu bakuze , niwe azohitamwo hagati y’umugwi nserukira gihugu w’uburundi canke w’Ububiligi mu mirwi y’abakuze.

Mwomenya ko Tresor asanzwe akina Ku mpande z’ikibuga aho twovuga nko Ku numero 7,11 canke kuri 10 , ihiganwa ryo mu mwaka uheze ryagiye guhagarikwa kubera coronavirus afise ibitsindo 9.

Facebook Comments

Most Popular

Ngo ntiricemerewe kugurisha ama ‘’unités’’ nk’uko vyahora

Ishirahamwe Payway ryahora rifasha mu kugurisha ama "unité" no mu kuriha amafagitire y’amatara n’amazi vy'ishirahamwe Regideso ngo ntirirekuriwe gusubira kuja kurangura ama "unité" muri...

Agriculture : Umwimbu urenga itoni 10 niwo wabonetse muri uyu mwaka

Itoni zirenga ibihumbi 10 niwo mwimbu w'icayi wabonetse mu mwaka w’2019 ushira uw’2020. Bishikirizwa n’uwurongoye ihinguriro ry'icayi OTB aho yabishikirije mu  nama yabereye mw'Ijenda muri...

Kabizi nawe yatewe n’abagizi ba nabi  nka Kigingi

https://www.youtube.com/watch?v=UqPwmg6YQQY&t=23s Uwundi yatewe n’abagizi ba nabi ni Kabizi l’eau Comedien, uwo nawe akaba yashikiriwe n’akaranda kariko kagwa ku vyamamare vy’abarundi basanzwe bafise imbuga ngurukanabumenyi zikurikiranwa...

Sada Nahimana ngo ntazi uko mu mwaka uza azitabira amahiganwa

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Sada Nahimana  ngo ntazi uko mu mwaka uza azobasha kwitabira amahiganwa y’urukino rwa Tennis , ivyo nivyo yashikirije mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru BBC mu...

Facebook Comments