Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Gael Bigirimana yaraye akinye Europa league

# Indundi Sports | Gael Bigirimana yaraye akinye Europa league

Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 20 Myandagaro 2020, niho umugwi Glentoran Gael Bigirimana abarizamwo  wakina n’umugwi Boltflag mu rukino rwiwe rwa mbere kuvaho aguriwe muri uwo Mugwi akaba ari n’urukino rwiwe r’ambere mu nkino z’amajonjora ( tour préliminaire ) mu gikombe ca Europa league 2020-2021.

Urwo rukino rukaba rwararangiye Glentoran yo muri Irlande du Nord itsinze Boltflag igitsindo 1-0, icegera ca kizigenza w’intamba mu rugamba Gael Bigirimana yarakinye urwo rukino rwose ndetse aranitwara neza .

Bivanye n’ingwara ya Coronavirus ishirahamwe UEFA ryaciye rihindura ikirangamisi ubu bakaba bakina urukino rumwe gusa urutsinzwe uca utaha .

Glentoran ikaba rero izohura na Motherwell yo muri Ecosse yigeze gukinamwo Gael Bigirimana.

Ikiganiro yakoranye na Indundi TV mwokirabira hano

Facebook Comments

Most Popular

Urwevu: Abantu bose bokwigenza nkawe, ubona isi yokongereza agaciro?

  Abahinga mu kwiyumvira bo muri kahise, aha tugafatira nko k'uwitwa Emmanuel Kant yava mu gihugu c'Ubudagi, "ubuntu" ngo ni aka kantu gatuma umuntu mu...

Uwuserukira Uburusiya mu Burundi yakiriwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka

  Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 1 Kigarama 2020, umukuru w'inama nkenguzamateka Sinzohagera Emmanuel yuguruye icese isasa risanzwe rya Kigarama ry'inama nkenguzamateka, ivyo bikorwa bikaba...

Kirikou yavuze ku kigo c’impfuvyi ciwe   

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Muvyo Imana yamuhaye, Kirikou avuga ko yahawe gutahura igituma yabayeho. Ico gituma ngo nukugira abandi bazobeho biciye mu minwe yiwe, Ivyo n’ivyo aheruka kuvugaira...

Kigingi yagarutse ku mashusho y’urukozasoni amuvugwako

https://www.youtube.com/watch?v=wIuCCQ5ZPyo&t=27s Amasanamu y’urukozansoni yaragize imisi aboneka ku rubuga rwa Facebook rwa Kigingi ngo siwe yayashizeko, Ahubwo ngo n’umuntu yamwinjiriye muri urwo rubuga “Piratage”, gutyo ituma...

Facebook Comments