Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Nduwarugira Christophe yaguzwe n'umugwi wigeze gukina UEFA

# Indundi Sports | Nduwarugira Christophe yaguzwe n’umugwi wigeze gukina UEFA

Umukinyi w’umurundi Nduwarugira Christophe benshi bazi kw’izina rya Lucio yaraye ashize umukono Ku masezerano yo gukinira umugwi LEIXOES Sc ukina mu cicaro ca kabiri muri Portugal .

Ku makuru twaronse ni uko uwo mugwi umaze imyaka 112 uvutse , ukaba unamaze guserukira igihugu ca Portugal mu nkino za UEFA incuri 4 .

Naho uwo mukinyi yashize umukono Ku masezerano yo gukinira uwo mugwi ikiringo azomara ntibashimye kugishira ahabona .

Mwomenya y’uko Nduwarugira Christophe Lucio yahora akina mu cicaro ca kabiri muri ico gihugu nyene mu mugwi Varzim Sc .

Facebook Comments

Most Popular

Breaking News : Saido Ntibazonkiza ku rutonde rw’abakinyi 20 b’intamba bazohura na Tanzania

Umumenyereza w'intamba Alain Olivier Niyungeko yashize ahabona abakinyi 20 b'intamba mu rugamba Uburundi buzokwifashisha mu rukino rwa kivandimwe ruzobahuza na Tanzania ingenekerezo rya 11...

Ikiyago : Umukuru w’igihugu aragaruka ku nsiguro ya “Reta Mvyeyi” n’uko abakozi bakwiye gukora

Mu gihe yariko aragirisha ikiganiro aho yishura ku bibazo vy'abenegihugu n'abamenyeshamakuru, umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yagarutse ku nsiguro ya "Reta Mvyeyi" , akamaro...

Ikiyago : Indamutso y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga, umukuru w'igihugu c'Uburundi yaramutse atunganya ikiganiro kidasanzwe aho yishura ku bibazo bitandukanye vy'abamenyeshamakuru n'abenegihugu, ikiganiro kiriko...

UEFA : Aba nibo bamenyereza bahiganirwa agashimwe k’umwaka

Abasanzwe batwara ihiganwa rya UEFA Champions league bashize ahabona abamenyereza 10 hazotorwamwo 1 kugira atahukane agashimwe k'umwana 2019-2020. Muri kino gihe hakaba hasigaye abamenyereza 3...

Facebook Comments