Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports| Rep Centrafrique iri mw'itsinda n'uburundu ntiyipfuza gukina muri Maroc

# Indundi Sports| Rep Centrafrique iri mw’itsinda n’uburundu ntiyipfuza gukina muri Maroc

 

Inyuma yo kwimura inkino zo gukurakuranamwo zo kurondera itike ryo kwitabira inkino zanyuma za CAN 2021 kumvo za coronavirus izo nkino zigiye gusubira gukinwa mu kwezi kwa Gitugutu .

Umugwi Centrafrique uri mw’itsinda rimwe n’Uburundi wimirije kuzohura na Maroc mu nkino zibiri zizobahuza , uwo mugwi ukaba wanse kuzokinira ku kibuga ca Rayoume Chérifien kiri muri Maroc .

Imvo ni uko muri ico gihugu ca maroc hamaze imisi hibonekeza abagwayi benshi b’ingwara ya coronavirus .

Centrafrique ikaba yasabiye ko bokinira mu kindi gihugu kitari muri Maroc .

Urukino rwo gusubiriza rukaba rutegekanijwe kuba mu kwezi kwa 12 Munyonyo 2020 ,i Bangui mu gihugu ca Centrafrique.

Mwomenya ko n’Uburundi busangiye itsinda n’iyo migwi ya Maroc na Centrafrique bwimirije kuzokina na Mauritanie basangiye itsinda mu kwezi kwa Munyonyo 2020

Facebook Comments

Most Popular

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo rwiwe rwa mbere hanze y’igihugu

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashe, kuri uyu wa gatandatu, urugendo rwiwe rwa mbere hanze y'igihugu kuva atowe kurongora igihugu. Perezida Evariste Ndayishimiye akaba yagendeye...

Abari bateshejwe izabo n’imyuzurira basubijwe mu zabo

Imiryango irenga ijana na mirongo itatu y'abari bateshejwe izabo kubera imyuzurira bahora begeranirijwe muri karitiye Winterekwa iri muri zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura...

Kurekurirwa gukuramwo inda mu Rwanda vyabereye ngirakamaro abakobwa 150,000

Itegeko riha uburenganzi abana b'abakobwa gukuramwo inda mu gihugu kibany ic'Urwanda ryahinyanyuwemu mwaka wa 2018, ngo ryabaye ngirakamaro ku bakobwa barenga 150,000 bakuriwemwo inda. Iryo...

Uwafashe umwana ku nguvu azokatwa udusaho tw’intanga-ngabo

Intara imwe muri Nigeria igiye gutangura guhana bimwe vy'akarorero agabago bahamwe n'icaha co gufata ku nguvu abagore. Buramatari Nasir Ahmad El-Rufai wa Leta ya Kduna,...

Facebook Comments