Home Burundi #indundi Sport| Poshen yafashije abana 1500 i Busiga

#indundi Sport| Poshen yafashije abana 1500 i Busiga

 

Abana 1500 bo ku mashure shingiro ane yo muri komine Busiga mu ntara ya Ngozi nibo baronkejwe amakaye afise agaciro k’amafaranga y’amarundi imiliyoni indwi akaba yatanzwe na Marc Manirakiza batazira Poshen arongoye umurwi w’umupira Messager Ngozi.

Bamwe mu bavuka komine bayaze n’ikimenyeshamakuru canyu Indundi bashimye cane ico ciyumviro co gutabara c’uwo mugwizatunga .

Si irya mbere afashije i Busiga kukaba nkako ari mubafashije kwubaka Paroisse nziza ya Mparamirundi .

Tubibutse ko haciye ukwezi Poshen atowe mu kibanza c’umuyobozi wa Messager Ngozi bikaba vyarashimishije abakunda le Messager Ngozi.

Mwomenya ko kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Nyakanga 2020 abagenzi ba Poshen bahurikiye mw’ishirahamwe Abagenzi b’umutima bateguriye umusi mukuru uwo murongozi wa Académie le messager Ngozi mu mabanga mashasha aheruka kugenwamwo yo kurongora umurwi w’umupira w’amaguru.

Facebook Comments

Most Popular

Breaking News : Saido Ntibazonkiza ku rutonde rw’abakinyi 20 b’intamba bazohura na Tanzania

Umumenyereza w'intamba Alain Olivier Niyungeko yashize ahabona abakinyi 20 b'intamba mu rugamba Uburundi buzokwifashisha mu rukino rwa kivandimwe ruzobahuza na Tanzania ingenekerezo rya 11...

Ikiyago : Umukuru w’igihugu aragaruka ku nsiguro ya “Reta Mvyeyi” n’uko abakozi bakwiye gukora

Mu gihe yariko aragirisha ikiganiro aho yishura ku bibazo vy'abenegihugu n'abamenyeshamakuru, umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yagarutse ku nsiguro ya "Reta Mvyeyi" , akamaro...

Ikiyago : Indamutso y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Nyakanga, umukuru w'igihugu c'Uburundi yaramutse atunganya ikiganiro kidasanzwe aho yishura ku bibazo bitandukanye vy'abamenyeshamakuru n'abenegihugu, ikiganiro kiriko...

UEFA : Aba nibo bamenyereza bahiganirwa agashimwe k’umwaka

Abasanzwe batwara ihiganwa rya UEFA Champions league bashize ahabona abamenyereza 10 hazotorwamwo 1 kugira atahukane agashimwe k'umwana 2019-2020. Muri kino gihe hakaba hasigaye abamenyereza 3...

Facebook Comments