Home kirundi Urwevu: Abansi bawe si barya wibaza. Barya ni ibitutu vyabo.

Urwevu: Abansi bawe si barya wibaza. Barya ni ibitutu vyabo.

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yohindura ibintu.

Abansi tubonesha amaso ni ibitutu vy’abansi bacu mu buryo bw’ibishobisho. Ni ukubera mu bwoko bw’ibishobisho dufise haba harimwo ibishobisho vy’ivyansi vyacu. Uburyo rero bw’ukwihweza neza ubwoko bw’abansi b’ibishobisho dufise ni ukuraba ibidukikije.

Nta kintu na kimwe mu bigukikije vyaje atakibizanye. Vyose ni wewe nyene wabizanye. Vyaje bigana ibiri muri wewe.

Uburyo rero bw’ukurwanya abansi twibaza ngo turabona ni ukurwanya abansi bari muri twebwe. Igihambaye ku giti si amashami canke ivyamwa, ibihambaye ni imizi.

Iyo rero turondeye kuzimanganya  vy’abansi bacu( abo tubona) dukoresheje inguvu biba bibaye nk’ugusubiriza ibitutu vyacu ahari ibitutu vyano. Tuba tuguye mu mitego.

Duca dusigara tumeze nkabariko biraba mu vyirori. Noneho na vya bitutu twahora tubona bikatwibutsa ko dufise abansi, ntavyo tuba tukibonye kuko ibitutu vyabo biba vyasubiriwe n’ibitutu vyacu.

Iyo dutwenze, turabona tukibona mu cirori nk’abatwenze gutyo bigakumirira kure iciyumviro c’ukumenya ko hari abariko bararira kubera twebwe nyene.

Ubirabiye hafi, iyo urondeye kurwanya abansi bawe ukoresheje nk’inguvu canke ubundi buryo busa nk’ubwo, maze bikitwa kubatsinze muri ubwo buryo uraheza ugasanga amaherezo wahavuye uba umwansi wa wewe nyene. Uba wiyongerereje uruhumyi rw’umutima. Uba usa n’uwufuruye icobo gusa kizorwamwo abandi n’abawe hambavu.

Ni wama uzirikana kurondera inyishu z’ibikugora uhereye mu kwisuzuma, bizogufasha gutora inyishu be n’amahoro birama. Uzoheza uhere kuri wewe nyene. Uve harya abo bansi bagutera bagusanga, wimukire nko rugero rwo hejuru ya harya bari.

Gutyo, bazoza kukurondera hamwe hasi wahora, nawe ubarabe bagutere ikigongwe, uce urondera kuramvura ukuboko ubereke utugazi nawe waciyeko, ubafate ukuboko baduge bagusange aho uri mu mahoro.

Aho uzoba uri mu buryo bw’ibishobisho, uzoheza usange abakurondeye bose ari abanyamahoro.

Abo wita abansi bawe uwu musi, ni ibimenyetso vy’aho uhagaze mu buryo bw’impwemu. Ni kakubere akaryo k’ukurondera guhindura ibintu.

Ivyo biri gutyo ku rugero urwarirwa rwose. Uhereye ku muntu hagati ya we na we nyene, hanyuma, ku rugero rwa hagati yawe n’abandi.

 

 

 

 

.

 

Facebook Comments

Most Popular

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo rwiwe rwa mbere hanze y’igihugu

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashe, kuri uyu wa gatandatu, urugendo rwiwe rwa mbere hanze y'igihugu kuva atowe kurongora igihugu. Perezida Evariste Ndayishimiye akaba yagendeye...

Abari bateshejwe izabo n’imyuzurira basubijwe mu zabo

Imiryango irenga ijana na mirongo itatu y'abari bateshejwe izabo kubera imyuzurira bahora begeranirijwe muri karitiye Winterekwa iri muri zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura...

Kurekurirwa gukuramwo inda mu Rwanda vyabereye ngirakamaro abakobwa 150,000

Itegeko riha uburenganzi abana b'abakobwa gukuramwo inda mu gihugu kibany ic'Urwanda ryahinyanyuwemu mwaka wa 2018, ngo ryabaye ngirakamaro ku bakobwa barenga 150,000 bakuriwemwo inda. Iryo...

Uwafashe umwana ku nguvu azokatwa udusaho tw’intanga-ngabo

Intara imwe muri Nigeria igiye gutangura guhana bimwe vy'akarorero agabago bahamwe n'icaha co gufata ku nguvu abagore. Buramatari Nasir Ahmad El-Rufai wa Leta ya Kduna,...

Facebook Comments