Home Uncategorized #Urwevu: Sezerera ubwoba bw'ubukene ukoreshejeje ano majambo y'Imana.

#Urwevu: Sezerera ubwoba bw’ubukene ukoreshejeje ano majambo y’Imana.

 

Isamu ngereranyo y’umuntu aguma yiyumvira uko yohindura ibintu.

Nk’uko rero tubibona mu gitabo canditswe na Napoleon Hill, citwa “THINK AND GROW RICH” yarerekanye mu kigabane ca 15 inzitizi ziri mu mutwe w’umuntu zimutera kugira ivyiyumviro bimugumiza mu bukene.

Mu majambo make, amenyesha ko igitera umuntu ubukene muri rusangi ari UBWOBA. Yamara rero abamaze gusoma ico gitabo muramaze kubona y’uko Napleon Hill yerekana ubwoko butandatatu bw’ubwoba .

Ubwoko bwa mbere ni ubwoba bw’ubukene( Fear of poverty);Ubwoko bwa kabiri ni ubwoba bw’ukuvurwa ( Fear of criticism);Ubwoba bwa gatatu ni ubwoba bw’ingwara( Fear of Ill health);Ubwoba bwa kane ni ubwoba bw’ukubura urukundo rw’uwo wakunda’ Fear of loss of love of someone); Ubwoba bwa gatanu ni ubwoba bw’ubusaza( The Fear of old age), Ubwoba bwa gatandatu ni ubwoba bw’ugupfa ( the fear of death)”.

Duhereye rero ku bwoba bw’ubukene, Napoleon Hill arasigura y’uko ubwoba bw’ubukene aribwo buza ku rugero rwa mbere mu biza kutumugarika bigatuma tubura imisomyo y’ugushobora kurwana ngo twivyukiranye.

AKARUTA AKANDI KARAKAMIRA.

Napoleon Hill , yariyumviriye amamuko y’ubwo bwoba hanyuma asanga ngo vyoba biva muri kameremere y’akahise n’imibereho yacu. Yarihweje asanga  ko kurya mu bikoko, bidyana hagati yavyo,  asanga ngo abantu nabo uburyo bw’ukuryana hagati yacu ari uburyo bw’amafaranga.

Amenyesha yuko , udafise i compte muri banki ibogaboga  hano kwisi ngo uba ufise agaciro kari musi y’ahaciro k’ivyondo . Avuga ati iyo ufise amafaranga urubahwa, ati iyo uvuze abantu barumviriza hatarinze n’ukurabwa uburyo wayarosemwo.

Umuntu rero muri kamemeremere yiwe ngo vyahavuye bimuja mu mutwe. Aca asanga ko mukiringo uri umukene uba ugowe. Ushobora kuribwa n’igikoko cose cifitiye akanoti kukurusha. Kandi kirakurya kiguherana!

AHA IWACU NI GUTE?

Aha rero i wacu I Burundi, turaheza tugaca dusanga ivyo vyiyumviro vya Napoleon Hill bifitaniye isano n’ivyiyumviro vya ba Sokuru. Umuntu afatiye ku myibutsa itari mike, araheza agasanga ba Sokuru bagiye barayamara berekana ko umukene ar’uwukwemera amabi yose. Hari n’abavuga ngo ”umukene ni nya gupfa”.

BA SOKURU BATI ” YARATUNYE BURATONDERA”.

Nk’uko rero Napoleon Hill abimenyesha, ngo iyo umuntu atewe n’ubwo bwoba kandi ngo butera beshi, araheza agaca yihebura. Ubwoba bw’ivyomushikira mu gihe yoba umukene bumubana bwinshi cane hamwe abone ko ata n’akamaro k’ukurwana. Iyo atanguye ikintu ,akabona kiratevye gutanga icamwa, kenshi aca aheba yibaza ngo azohava aruhira kuba umukene, ntamenye nyabuna ko ubwo nyene ari bwo buryo bw’ukubukwega.

Mu buryo bw’ibishobisho( mu mpwemu) haca haza ubusho bw’ibishobisho biza nk’ibizomera ( se moquer) umushaha wawe biwereka y’uko ataco yoteba ngo avemwo. Bica bituma rero, Christu ari muri wewe, umwe agushoboza vyose nawe adaheza ngo aronke aho amenera ngo agutabare.

Tugerageje gutahura niho umuntu aca abona imvo n’imvano y’iyo mvugo y’uko umuntu yatunye bugatondera. N’ukuvuga ko muri ico gihe,umuntu aca yemera ubukene bukamugira iyondoyondo. Ugasanga umuntu yararetse, n’agahuzu ntakimesa, eka ugasanga ubuzima bwose bwarahagaze.

INKURU NZIZA.

Kumbure waragerageje ibitari bike yamara uhava urareka kuko vyanse. Kumbure ugeze aho wibona ko ata n’akamaro k’ukugerageza. Yamara nagomba nkubwire ko, muri wewe hakiriyo inguvu z’uguhindura ibintu. Turafise Imana ikundana cane candi ikunda bose itarinze kuducira imanza. Iyo abantu benshi twiyumviriye Imana, turaheza tukihutira kubona umuyoro w’ivyaha dufise. Imana ntiyaturemye ngo tuze kurwabira hano hasi.

Iyo Mana RUKUNDO  isanzwe iri muri wewe izogufasha kwivyukiranya, uhaguruke, wiyamirize ivyo bishobisho vyakuzingamitse , vyaguhebuje nk’uwutari ashobore.

Mu Majambo y’Imana asanzwe ari muri Bibiliya , harimwo inguvu nyinshi cane, zidufasha guhangana n’ibinyamubiri vy’akagaye, bifise intumbero y’ugusuzugura umuntu bikoresheje ubukene, bifise ishari ry’ukobona umuntu bwa kiremwo afise ishusho ry’Imana, eka mbere bikaryoherwa n’ukumubona yama yidoga kandi Imana yari yamuremye ngo aze kugira umunezero muri muri ino si.

NKORE IKI?

Biroroshe cane, mu rwevu twaciye twarasanze hari zaburi zibiri zizogutuma ushira ku murongo ivyo binyamubiri vy’akagaye bigukangisha ubutunzi nk’uko umengo uragowe kuko hari abandi batunze.

AYO MAJAMBO NI AYA 

PSAUME YA 3 HAMWE NA PSAUME YA 49( Abahingo mu gukoresha les psaumes bavuga ko ushobora kuyifata ku mutwe ukaza urayivuga, canke ukaza uranayandi ku rupapuro. Heza ugire n’ubundi bushakashatsi wewe nyene ku bijanye n’ikoreshwa ry’ama psaumes)

N.B Ni waba uri n’amahirwe y’abazokumva bino bagaheza bakabishiramwo ukwizera bakanabigerageza, muzoheze mutange témoignages zizotuma abandi bakora inguvu z’ukugerageza maze umwansi bukene tumusezerere , hamwe n’ayandi mahanga azoza kurahura ubwenge aha i wacu. Uburundi ni Ihanga ry’Imana kandi niho hazovyuka ikangura ry’ayandi mahanga. Nk’uko biza bitanguriye muri runo rwevu nyene!

BIBWIRWA BENSHI BIKUMVA BENEVYO.

 

 

 

Facebook Comments

Most Popular

Sada Nahimana ngo ntazi uko mu mwaka uza azitabira amahiganwa

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Sada Nahimana  ngo ntazi uko mu mwaka uza azobasha kwitabira amahiganwa y’urukino rwa Tennis , ivyo nivyo yashikirije mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru BBC mu...

Abaforomakazi bo muri Ghana bafise ikibazo c’ukubura abagabo

https://www.youtube.com/watch?v=37rxy3pL9aE Abatari bake mu baforomakazi bo mu gihugu ca Ghana barafise ibibazo bikomeye bijanye n’ukutarongorwa, iyo ikaba ari imyidogo yashikirijwe na bamwe mu kiganiro bahawe...

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Facebook Comments