Home Burundi Michou Miracle yasubiye muri Siren Vibe kwa Hosy

Michou Miracle yasubiye muri Siren Vibe kwa Hosy

 

Michou Miracle ngo ikibuze uno musi mu bamenyeshamakuru bamenyekanisha imico n’akaranga hano iwacu n’ukuzana ibintu bishasha “Innovation”.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru 2 barimwo n’uwutwara imboneshakure Siren Vibe Tv ikorera ku muhora wa Youtube, Michou yamenyesheje ko asubiye gukorera ibikorwa vy’ukumenyekanisha amakuru, abicishije muri iyo mboneshakure.

Michou yavuze ko yaramaze imisi mu gacerere kuko hari ivyo yarakibanza kuraba, kugira azane ibishasha muri uno mwuga, kuko ngo abatari bake ngo bariko bakora ibintu bisa.

Michou Miracle akaba asubiye muri iyo mboneshakure inyuma yaho abanje gukorana na n’imboneshakure ya Ejo Heza.

Uwo mumenyeshamakuru ari mu bakunzwe hano iwacu, akaba yemereye abakurikirana ico kinyamakuru ko agiye kubereka ibikorwa biteye igomwe.

Mwomenya ko Michou Miracle amaze guca mu binyamakuru bitandukanye, Radio et Tele Renaissance, Buja Fm, Buja Hit Tv, Siren Vibe, na Ejo Heza arico twaheruka kumubonamwo.

Facebook Comments

Most Popular

Kabizi nawe yatewe n’abagizi ba nabi  nka Kigingi

https://www.youtube.com/watch?v=UqPwmg6YQQY&t=23s Uwundi yatewe n’abagizi ba nabi ni Kabizi l’eau Comedien, uwo nawe akaba yashikiriwe n’akaranda kariko kagwa ku vyamamare vy’abarundi basanzwe bafise imbuga ngurukanabumenyi zikurikiranwa...

Sada Nahimana ngo ntazi uko mu mwaka uza azitabira amahiganwa

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Sada Nahimana  ngo ntazi uko mu mwaka uza azobasha kwitabira amahiganwa y’urukino rwa Tennis , ivyo nivyo yashikirije mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru BBC mu...

Abaforomakazi bo muri Ghana bafise ikibazo c’ukubura abagabo

https://www.youtube.com/watch?v=37rxy3pL9aE Abatari bake mu baforomakazi bo mu gihugu ca Ghana barafise ibibazo bikomeye bijanye n’ukutarongorwa, iyo ikaba ari imyidogo yashikirijwe na bamwe mu kiganiro bahawe...

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Facebook Comments