Home africa news Miss Uganda yaraye atowe kuba Miss Afrika-Monde 2018

Miss Uganda yaraye atowe kuba Miss Afrika-Monde 2018

Umwigeme Quiin Abenakyo asanzwe ari Miss Uganda2018-2019 yaraye yambitswe urugori rwa Miss Afrika-Monde 2018.

Kuir uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 8 Kigarama i Sanya City muri Repubirika Populaire y’Ubushinwa niho umwigeme w’umugandakazi azwi kw’izina rya Quiin Abenakyo yambikwa urugori rw’ukuba Miss Afrika-Monde 2018.

Quiin Abenakyo akaba yatowe mu bigeme bafise ubwiza budasanzwe kw’isi nzima bagera kw’icumi na babiri bari bashoboye gushika mw’ihiganwa rya nyuma, abo nabo bakaba bamuka mu bihugu vya Bélarus, Ubufaransa, Écosse, Jamayika, Martinique, Mexique, Panama, Maurice, Népal, Nouvelle-Zélande hamwe na Thaïlande, akaba abaye umugandakazi wa mbere arose ico giti.

Umwigeme Abenakyo yaraye yimitswe afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri y’amavuka akaba yavukiye mu buseruko bw’igihugu c’Ubuganda.

Facebook Comments

Most Popular

Ahamagarira abanyagihugu kwiyubara

Abantu 17 bagirizwa ubusuma n’ubundi bugizi bwa nabi  butandukanye harimwo kudandaza ibiyayuramutwe hamwe n’ubwicanyi berekanywe n'igiporisi kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 27 Gitugutu...

Ihadabu iri hagati y’imiriyoni 50 n’100 niyo bagiye kuza barahanishwa

Ihadabu iri hagati y’imiriyoni 50 n’ijana y’amafaranga y’amarundi nico gihano gihabwa uwuhinguye mu bumwanya imifuko n’amacupa. Uwuranguye hanze amacupa n’ubucupa bikozwe mu bumwanya nawe...

Ikiringo cari catanzwe congerejwe

Ikiringo c'iminsi ibiri cari gitegekanijwe ku bijanye na rusansuma y'abakozi congerejwe gushika hafashwe izindi ngingo. Urwo rusansuma rwari rwatanguye kuri uyu wa mbere. Mu kiganiro...

# indundi| Aba nibo bakinyi 10 bafise ibitsindo vyinshi gusumba abandi muri Pimus league

Mugihe indwi igira 7 ya Primus league yaraye irangiye ku magenekerezo ya 23,24na 25 Gitugutu(10) abakinyi bafise ibitsindo vyinshi gusumba abandi bamaze kumenyekana. Urutonde rwabo...

Facebook Comments