Home abakinyi bakina hanze Breaking News : Saido Ntibazonkiza ku rutonde rw'abakinyi 20 b'intamba bazohura na...

Breaking News : Saido Ntibazonkiza ku rutonde rw’abakinyi 20 b’intamba bazohura na Tanzania

Umumenyereza w’intamba Alain Olivier Niyungeko yashize ahabona abakinyi 20 b’intamba mu rugamba Uburundi buzokwifashisha mu rukino rwa kivandimwe ruzobahuza na Tanzania ingenekerezo rya 11 Gitugutu 2020 ku kibuga citiriwe Mukapa i Dar es Salam .

Muri urwo rutonde hakaba harimwo abakinyi 3 bigeze gufatirwa ibihano n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu mwaka wa 2014 kumvo zo kwitwara nabi abo nabo akaba ari Saido Ntibazonkiza , Murumunawe Steeve Nzigamasabo hamwe na Nimubona Emery Kadogo .

Aba nibo bakinyi 20 bazotana mu mitwe na Tanzania kw’igenekerezo rya 11/10/2020

1.Jonathan Nahimana ( Namungo Fc Tanzania )
2.philip Nzeyimana ( Akademisk Bk Danemark )
3.Nsabiyumva Frederic ( Chipa United South Africa )
4.Ndayishimiye Youssouf ( Malatya Sport Turkie )
5.Amissi Cedric ( Al-Tawoon Arabie Saoudite)
6.Nzigamasabo steve ( Namungo Tanzania )
7.Saido Berahino ( Zulte Weregem Belgique)
8.Kaze Girbert Demunga ( Bahache Univeristé de Djibouti )
9.Mohamed amissi ( Heracles Almelo)
10.Saidi Ntibazonkiza ( Sans club)
11.abdoul fiston ( NPPI Egypt )
12.Bimenyimana Bonfils caleb ( FK Pohronie Slovakie )
13.Duhayindavyi Gael ( Mukura VS Rwanda )
14.Bigirimana Blaise ( Namungo Tanzania )
15.Shabani Hussein Tchabalala ( Ac Kigali Rwanda )
16.Ndikumana Tresor ( Gasogi Rwanda )
17.Arakaza Mac Arthur ( Sans Club)
18.Nimubona Emery Kadogo ( Musongati Fc )
19.Ndizeye Eric ( Musongati Fc)
20.Ndikumana Asman ( Aigle Noire).

Abakinyi nka Gael Bigirimana hamwe na Nduwarugira Christophe ntibazoshobora kuza kubera y’uko mu bihugu bakinamwo batemerewe gusohoka kumvo z’umugera wa Coronavirus .

Iyindi nkuru ni uko umumenyereza mukuru w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko atazoba muri urwo rukino bivanye n’uko azoba yaraye akoze ubukwe igenekerezo rya 10/10/2020 buca intamba zikina na Tanzania igenekerezo rya 11/10/2020. uwuzomukorera mungata akazoba ari icegera ciwe Jimmy Ndayizeye .

Urwo rutonde rukaba rwemejwe n’umumenyereza w’intamba mu rugamba Alain Olivier Niyungeko

 

Facebook Comments

Most Popular

Ba Musitanteri baronkejwe ingendeshwa nshasha

Inyuma y'inama yagirishije ba buramatari hamwe na ba musitanteri bose ku murwa mukuru wa poritike i Gitega, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, kw'izina rya Reta...

#Tanzania Ports Authority : Abagwizatunga b’abarundi bagiye kuharonkera akunguko

Iryavuzwe riratashe, inyuma yaho umukuru w'Igihu c'Uburundi Evaliste Ndayishimiye agendeye mugenziwe  John Pombe Magufuli mu  gihugu kibanyi Tanzania, bimwe muvyapfunditswe vyatanguye  gushirwa mu ngiro.   Kuri...

Umukuru w’igihugu abahamagarira kubera akarorero abandi

Umukuru w'igihugu c'Uburundi asaba ba musitanteri na ba buramatari bose kubera inyishu abanyagihugu barongoye. Evariste Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Gitugutu...

# Indundi Sports | hoba habuze bande mu rutonde rw’abakinyi bagiye kwitegurira Mauritania?

  Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 22 Gitugutu 2020, abamenyereza b'intamba mu rugamba baraye batumyeko abakinyi 27 bakina hano iwacu bagiye gutangura imyimenyerezo yo...

Facebook Comments