Home Burundi Urwevu: Weho ni hehe washinze urusago? ( Canecane urwaruka)

Urwevu: Weho ni hehe washinze urusago? ( Canecane urwaruka)

Isanamu ngereranyo y’umuntu aguma yibaza uko yobivamwo.

Hiriya , mu gihande c’ibubafu, ku nkengera z’inzuzi z’i BABYOLNONI, benshi niyo bari.Ni benshi cane.  Imiyabaga , eka n’abakuze .

Muti bariko bakorayo iki?

Iyo bamwe bateye, abandi baraheza bakitabira. Iyo bamwe batwenze , abandi nabo nyene baraheza bagatwenga. Hagize abakoma amashi, abandi bose baraheza bagaca bakwirikira nabo nyene bagakoma amashi nk’abandi.

Amajambo ari mu ndirimbo zabo ni amwe twumva tugahungura amatwi. Indahiro zabo ni zimwe barahira tugaca twunamika amaso hasi. Mu nyambaro zabo naho , uraheza uravye neza ukabonamwo urukundo rwinshi dufitiye ibitungwa bimwe mu vyo dukunze gutunga; IMPENE.

Ubundi bwoko bw’amajambo ari mu ndirimbo zabo ni amajambo y’imyidogo gusa. Amaso yabo yahengamiye ku bibagoye gusa. Biboneka ko uwobabwira gushima ivyo bafise kwoba kubaye nk’ubatuma kwikora mu jisho. Indirimbo zabo ni imyidogo ,agahemo, ubwishime, imivumo,  ukunegurana hamwe n’ugutumana intoke mu maso.

Mu ruhande rw’i Buryo ho ni  gute?

Mu rurndi ruhande naho , mu gihande c’i Buryo hari umusozi muremure ( SIYONI). Ugerageje gushikanayo amaso urabona abantu bariyo. Ariko bobo si benshi. Indirimbo zabo ni indirimbo z’amashimwe. Mu gutamba ntibiyahagura. Mu kuvuga ntibatontomoka. Amajambo aca mu kanwa kabo asosa nk’ubuki. Inyifato z’abo zitera akanyamuneza, kuko uzumvirije  neza uraheza ukumvamwo akanovera. AKANOVERA BUNTU n”ibindi vyinshi bivangatiraniye muri  ako kanovera : urupfasoni, ubwitonzi n’icubahiro.

Amajambo bakoresha aranyengetera mu mutima , wumviririje hafi amajambo bakoresha iyo bariko bararirimba mbere n’umutima uraheza ukahatorera akoyoko kuko uca utekana, ugatekaniwa maze umuntu agaca yumva ibishobisho vyose bihuriye ku ciyumviro kimwe : ” Ngiye kuhashinga urusago mpeze nigumire aha nyene”.

VEYO!

 

 

Facebook Comments

Most Popular

Ivyokorwa kugira umutekano utsimbatare mu gisagara ca Bujumbura

«Ukurwanya amarigara no gushira amatara ku mpangu ngo ni bimwe mu vyofasha kwongereza umutekano muri komine Mukaza mu gisagra ca Bujumbura. » Ivyo ni ivyashikirijwe kuri...

Imyambaro ishika ku 500 yanditsweko Saidi Ntibazonkiza igiye gushirwa ahabona

  Uwusanzwe ari umuvugizi wa Yang Africans Antonio Nugaz yavuze y’uko umukinyi w’umurundi Saidi Ntibazonkiza agiye kwitegurirwa bimwe bikomeye. Mu kiganiro yakoranye n’imwe mu mboneshakure yo...

Breaking news: Papa Bouba Diop wa Sénegal yaraye aryamiye ukoboko kw’abagabo

Uwatsinze igitsindo ca mbere mu gikombe c’isi c’umwaka wa 2002 agitsinze Ubufaransa aho Senegal yatsinze igitsindo 1-0 , Papa Bouba Diop yaraye aryamiye...

PLB : Uku niko imigwi igiye guhura kundwi ya 12

  Inyuma y’aho inkino za CAF Champions league hamwe na CAF conféderation Cup zirangiriye mu mpera zindwi iheze aho imigwi yacu yari yaserukiwe na Messager...

Facebook Comments