Home Burundi Uburundi na Tanzania bagiye kwubaka ibarabara rihuza Gitega na Kigoma

Uburundi na Tanzania bagiye kwubaka ibarabara rihuza Gitega na Kigoma

Bimwe mu vyavuye mu rugendo umukuru w’igihugu Nyakubahwa Ndayishimiye Evariste aheruka kugira mu gihugu ca Tanzania, biratanguye kumenyekana.

Ibarabara rya gari ya Moshi (Train) ngo ni kimwe muvyo abo bakuru b’ibihugu babiri bemeranije ko bagiye kwubaka. Iryo barabara ngo rikazofatanya Intara ya Kigoma muri Tanzania n’intara ya Gitega ariko ribanje guca i Musongati.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru The EastAfrican abishikiriza, ngo iyo gari ya moshi izoba ijejwe gutwara amabuye y’agaciro asanzwe acukurwa mu Burundi. Kanatsinda ngo ayatari make muri ayo mabuye nyene Uburundi bwayashora mu mahanga bucishije muri ico gihugu gisanzwe gifise umuhora kw’ibahari.

Kugira bigumane ijisho kuri ico gikorwa, Ivyo bihugu vyose ngo bikaba vyahavuye bishinze umugwi ujejwe gushira mu ngiro uwo mugambi.

Ico kinyamakuru kibandanya kivuga kandi ko ibihugu vyacu -Uburundi na Tanzania- ngo biriko biriga umugambi wo kwubaka ihinguriro ry’ayo mabuye y’agaciro.

Aha mukamenya ko igihugu cacu gisanzwe gifitanye imigenderanire myiza n’uwo mubanyi wo mu buseruko, kuva kera cane.

Facebook Comments

Most Popular

Ba Musitanteri baronkejwe ingendeshwa nshasha

Inyuma y'inama yagirishije ba buramatari hamwe na ba musitanteri bose ku murwa mukuru wa poritike i Gitega, Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, kw'izina rya Reta...

#Tanzania Ports Authority : Abagwizatunga b’abarundi bagiye kuharonkera akunguko

Iryavuzwe riratashe, inyuma yaho umukuru w'Igihu c'Uburundi Evaliste Ndayishimiye agendeye mugenziwe  John Pombe Magufuli mu  gihugu kibanyi Tanzania, bimwe muvyapfunditswe vyatanguye  gushirwa mu ngiro.   Kuri...

Umukuru w’igihugu abahamagarira kubera akarorero abandi

Umukuru w'igihugu c'Uburundi asaba ba musitanteri na ba buramatari bose kubera inyishu abanyagihugu barongoye. Evariste Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 23 Gitugutu...

# Indundi Sports | hoba habuze bande mu rutonde rw’abakinyi bagiye kwitegurira Mauritania?

  Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 22 Gitugutu 2020, abamenyereza b'intamba mu rugamba baraye batumyeko abakinyi 27 bakina hano iwacu bagiye gutangura imyimenyerezo yo...

Facebook Comments