Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | Saido Berahino yatijwe muri Charleroi

# Indundi Sports | Saido Berahino yatijwe muri Charleroi

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 05 Gitugutu 2020, niho umugwi Zulte weregem watije Kizigenza w’intamba mu rugamba Saido Berahino mu mugwi Royal Charleroi Sporting Club wo mu cicaro ca mbere nyene mu gihugu c’ububirigi.

Berahino akaba avuye mu mugwi wa 15 agiye mu mugwi ufata ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’ububirigi Jupiler Pro .

Akaba agiye gukinira uwo mugwi Royal Charleroi Sporting Ku kiringo c’umwaka 2020-2021.

Mwomenya

ko Saido Berahino amaze guca mu migwi yo mu bwongereza nka Westbrom Albion , Stock city muri kino gihe yahora akinira Zulte weregem yo mu bubirigi .

Facebook Comments

Most Popular

Bafise impungenge ko imirimo ishobora gucumbagira muri Kaminuza y’Uburundi

Abakozi bo muri kaminuza y'Uburundi bahurikiye mu masendika SPEUB na SPATUB bavuga ko batewe impungenge n'uko imirimo ishobora gucumbagira muri iyo kaminuza. Imvo ngo...

Abarundi bibutse imyaka 27 irangiye hagandaguwe incungu ya demokarasi

Abarundi bibutse kuri uyu wa gatatu imyaka 27 irangiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, hari kuwa 21 Gitugutu mu 1993. Perezida Ndadaye...

Itsinzi y ’abaririmvyi izanye umunezero mu mvura nyishi

Mu rukino rutari rworoshe abaririmvyi batahukanye itsinzi y'igitsindo kimwe cinjijwe n 'umuririmvyi akiri muto azwi kw' izina rya Saint Floria ku busa bw'aba Dj. Abakinyi,...

Basaba Reta yo muvyeyi basigaranye kubafasha nabo batere imbere

Ishirahamwe ry’abapfakazi n’impfumvyi baharanira agateka kabo AVOD basaba ko Reta yobafasha bimwe biboneka kugira batere imbere. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa...

Facebook Comments