Home abakinyi bakina hanze #diaspora|Basaba abarundi baba muri Tanzania kuza gushigikira Intamba mu rugamba

#diaspora|Basaba abarundi baba muri Tanzania kuza gushigikira Intamba mu rugamba

Uburongozi bwa Diaspora y ‘Uburundi bubicishe ku ndongozi yabwo Japhet Legentil bakangurira abarundi baba muri Tanzania gusidukana n’iyonka bakaza gushigikira umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba.

”Turikumwe twese birashoboka” iryo niryo jambo ryaherekeje kurarikira abarundi bose baba muri Tanzaniye na cane cane mu gisagara ca Dar es Salama kuza kwifadikanya n ‘umurwi w Intamba mu Rugamba mu rukino rudasanzwe.

Urwo rukino rukaba rutegekanijwe aho bukera kw ‘igenekerezo rya 11 gitugu(10) ku kibuga citiriwe Mukapa kw’isaha y’icenda (15h) amasaha y i Gitega.

Mwomenya ko abakinyi nka Saido Berahino hamwe na Bimenyimana Caleb basanzwe baba muri diaspora bamaze gushika i Dar es Salaam mu ntumbero yo kwitabira urwo rukino.
Hakaba hitezwe Nsabiyumva Fréderic akinira Chipa United yo muri Africa y’epfo , Mohammed Amiss akinira Heracles Almelo.

Noneho birahuhutse *Mutima le comedien* yubahutse kuva muri réstaurant atarishe ivyo yafunguye ahubwo akora ibidakorwa uwari kuri comptoire arumiwe arabuze iyo akamanganiye.
Irabire ingene amuciyemwo🤣🤣🤣.

Facebook Comments

Most Popular

Bafise impungenge ko imirimo ishobora gucumbagira muri Kaminuza y’Uburundi

Abakozi bo muri kaminuza y'Uburundi bahurikiye mu masendika SPEUB na SPATUB bavuga ko batewe impungenge n'uko imirimo ishobora gucumbagira muri iyo kaminuza. Imvo ngo...

Abarundi bibutse imyaka 27 irangiye hagandaguwe incungu ya demokarasi

Abarundi bibutse kuri uyu wa gatatu imyaka 27 irangiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, hari kuwa 21 Gitugutu mu 1993. Perezida Ndadaye...

Itsinzi y ’abaririmvyi izanye umunezero mu mvura nyishi

Mu rukino rutari rworoshe abaririmvyi batahukanye itsinzi y'igitsindo kimwe cinjijwe n 'umuririmvyi akiri muto azwi kw' izina rya Saint Floria ku busa bw'aba Dj. Abakinyi,...

Basaba Reta yo muvyeyi basigaranye kubafasha nabo batere imbere

Ishirahamwe ry’abapfakazi n’impfumvyi baharanira agateka kabo AVOD basaba ko Reta yobafasha bimwe biboneka kugira batere imbere. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa...

Facebook Comments