Home africa news Igihugu ca Kenya casubiye kwugurura amashure

Igihugu ca Kenya casubiye kwugurura amashure

Igihugu ca Kenya casubiye kwugurura amashure inyuma y’amezi arenga indwi yugawe kubera ikiza ca koronavirisi. Abanyeshuri biga mu myaka ya nyuma y’amashuri akora ibibazo vya Reta mu bice  bitandukanye, nibo bemerewe gutangura.

Reta ikaba yisubiyeko inyuma yaho yaheruka gufata ingingo ko umwaka w’ishure uzoba impfagusa. Yemeye ko ayo mashuri asubira gutangura ariko hitaweho cane uburyo bwo  kwirinda  Coronavirus nko kwambara udupfukamunwa, gukaraba intoki no gupima ubushuhe abanyeshuri mbere y’uko binjira mu mashure.

Muri Kenya, ibitigiri vy’abanduye biri hejuru cane. Abantu 41546 nibo banduye coronavirus mu gihe  abagera ku 766 aribo bamaze guhitanwa nayo.

Facebook Comments

Most Popular

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Abatari bake bibajije nimba Natacha yavuga gusenga, canke yafobetse

https://m.youtube.com/watch?v=-BIr5LPrtJI Mu giswahiri umuririmvyi Natacha yaraye yanditse ko arindiriye umugabo ngo batangure gusenga. Kwoba kwari ugusenga nyene canke yari imvugo mfobeko isobanura ikindi? Ico nico...

Igituma urwaruka ruheza amashure ntirumenye ariko ntirumenye kuvuga ururimi rw’icongereza

Mu Burundi hariho urwaruka ruheza amashure yisumbuye mbere na kaminuza ariko rudashobora no kuvuga ngo rutange ivyiyumviro mu rurimi rw'icongereza. Ariko rero ntibisigura ko batazi...

Facebook Comments