Home Burundi Ibirori vyo kwibuka imyaka 59 irangiye umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe

Ibirori vyo kwibuka imyaka 59 irangiye umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe

Imyaka 59 irarangiye umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore yahabuje intahe y’ukwikukira agandaguwe, hari kuwa 13 Gitugutu umwaka w’1961.

Ku rwego rw’igihugu, Ibirori vyo kumwibuka bikaba vyatangujwe n’inkuka ya Misa yabereye kuri Paruwase Mikaheli Mweranda mu gisagara ca Bujumbura aho vyari vyitabwe n’abategetsi batandukanye uhereye kuri Kizigenza Perezida Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, umukuru w’inama nshingamateka Gelase Daniel Ndabirabe, abashikiranganji, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abandi banyacubahiro batandukanye.

Mw’ijambo ryiwe, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagize ati : “Dushire inguvu hamwe mu gukorera mu makoperative. Tuzoba tugendeye mu makanda y’Iragi ryiza dukesha Umuganwa atari Umugani Rudoviko Rwagasore, gutyo dutere imbere kandi dusige izina ryiza mu miryango yacu no mu gihugu cacu ciza c’Uburundi.”

Inyuma y’inkuka ya Misa, ibirori vyaciye bibandaniriza ku ntatemwa y’umuganwa Rudoviko Rwagasore, aho inyuma y’ukuhashira ingori z’amashurwe, abari aho baciye bumviriza ijambo yashikirije igihe umugambwe wiwe UPRONA wari utahukanye intsinzi mu matora yo kw’igenekerezo rya 19 Nyakanga 1961, ijambo rihagaze ahanini ku butungane kuri bose hamwe no kugwanya ibiturire.

Facebook Comments

Most Popular

#Diaspora|Amatora adakumira niyo ariko arategurwa muri BDUSA

Inyuma y'imvurururu n'ukutumvikana vyaranzwe mu banyanyi ba BDUSA zikaza kurangira zinashitse no mu nzego z'Ubutungane, Ishirahamwe ririko ririyambika umutamana. Ngo abarundi bamye barangwa n'ikiyago n'ukwumvikana,...

Dusenge Ketty Ange yasubiriye gutera iteka Uburundi mugihugu c’Uburusiya

Mw’ihiganwa Afro Awards ribera mugihugu c’Uburusiya harabonetse kandi agashimwe gatahukana Umwigeme w’Umurundikazi aho yari yahiganwe mu muce wiswe (Fashion Designer of The Year). Kuri uyu...

Saidi Ntibazonkiza yakiriwe nk’umwami i Dar es Saalam

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 02 Kigarama 2020, isaha zitatu zo mw’ijoro 21h00 zo mu gihugu ca Tanzania niho umukinyi w’intamba...

Ibiharuro bishasha vya Coronavirus gushika kuri uyu wa 2 Kigarama

Ubushikiranganji bujejwe kubugabunga amagara y’abantu no kurwanya sida bujejej gushira ahabona ibiharuro bishasha vya Covid-19. Gushika kuri uyu wa 2 Kigarama umwaka w’2020, abantu bamaze...

Facebook Comments