Home Burundi Mw’ishirahamwe Regideso bahamagarirwa kwikubita agashi

Mw’ishirahamwe Regideso bahamagarirwa kwikubita agashi

Ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba mu banyagihugu Regideso ryahawe na Reta gucuruza amazi kuva mu mwaka w’1962, ariko ngo gushika ubu, nta mwimbu uboneka muri Reta.

Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni mu nama yagirishije abarongoye abandi muri Regideso kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 14 Gitugutu 2020.

Zimwe mu ntambamyi zituma uwo mwimbu utameze neza nk’uko vyasiguwe n’Umushikiranganji ajejwe amatara n’amazi ngo n’uko mu biharuro bamaze gukora basanze ibice 30 kw’ijana vy’amazi asesekera ubusa nayo ibice 18 kw’ijana vy’umuyagankuba biba impfagusa.

Umushikiranganji Ibrahim avuga ko ivyo biri no mu bituma iryo shirahamwe ritoroherwa mu gutunganya ubuzi bwaryo.

Nayo ku bibazo vyama vyibonekeza muri iryo shirahamwe, umushikiranganji wa mbere yagabishije abakozi bitwara nabi mu vyo bajejwe. Alain Guillaume Bunyoni yabahamagariye gukorera neza ababitura.

Facebook Comments

Most Popular

Bafise impungenge ko imirimo ishobora gucumbagira muri Kaminuza y’Uburundi

Abakozi bo muri kaminuza y'Uburundi bahurikiye mu masendika SPEUB na SPATUB bavuga ko batewe impungenge n'uko imirimo ishobora gucumbagira muri iyo kaminuza. Imvo ngo...

Abarundi bibutse imyaka 27 irangiye hagandaguwe incungu ya demokarasi

Abarundi bibutse kuri uyu wa gatatu imyaka 27 irangiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye agandaguwe, hari kuwa 21 Gitugutu mu 1993. Perezida Ndadaye...

Itsinzi y ’abaririmvyi izanye umunezero mu mvura nyishi

Mu rukino rutari rworoshe abaririmvyi batahukanye itsinzi y'igitsindo kimwe cinjijwe n 'umuririmvyi akiri muto azwi kw' izina rya Saint Floria ku busa bw'aba Dj. Abakinyi,...

Basaba Reta yo muvyeyi basigaranye kubafasha nabo batere imbere

Ishirahamwe ry’abapfakazi n’impfumvyi baharanira agateka kabo AVOD basaba ko Reta yobafasha bimwe biboneka kugira batere imbere. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kuri uno wa...

Facebook Comments