Home abakinyi bakina hanze Mavugo Laudit yafashije Napsa Stars kunganya na Zesco United

Mavugo Laudit yafashije Napsa Stars kunganya na Zesco United

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 01 Munyonyo 2020, mu gihugu ca Zambia niho ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere ryatangura, umugwi Zesco United ukinamwo umukinyi w’umurundi wari wakiriye umugwi Napsa Stars ukinamwo Mavugo Laudit urwo rukino rukaba rwarangiye iyo migwi yompi inganyije igitsindo 1-1.

Zesco United niyo yari yatanguye kwinjiza igitsindo ariko mu nyuma kiza kugomborwa n’umusatirizi w’umurundi Mavugo Laudit ku munota wa 90 biciye kuri penariti.

Nsabumukama Enock akaba atigeze aboneka  mu bakinyi 18 umugwi Zesco United wakinishije.

Mwomenya y’uko Mavugo Laudit mw’ihiganwa ry’umwaka uheze ko atigaragaje neza bivanye n’uko yagiye aragira ibikondoka buri mwanya.

 

Facebook Comments

Most Popular

Urwevu: Abantu bose bokwigenza nkawe, ubona isi yokongereza agaciro?

  Abahinga mu kwiyumvira bo muri kahise, aha tugafatira nko k'uwitwa Emmanuel Kant yava mu gihugu c'Ubudagi, "ubuntu" ngo ni aka kantu gatuma umuntu mu...

Uwuserukira Uburusiya mu Burundi yakiriwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka

  Kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 1 Kigarama 2020, umukuru w'inama nkenguzamateka Sinzohagera Emmanuel yuguruye icese isasa risanzwe rya Kigarama ry'inama nkenguzamateka, ivyo bikorwa bikaba...

Kirikou yavuze ku kigo c’impfuvyi ciwe   

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Muvyo Imana yamuhaye, Kirikou avuga ko yahawe gutahura igituma yabayeho. Ico gituma ngo nukugira abandi bazobeho biciye mu minwe yiwe, Ivyo n’ivyo aheruka kuvugaira...

Kigingi yagarutse ku mashusho y’urukozasoni amuvugwako

https://www.youtube.com/watch?v=wIuCCQ5ZPyo&t=27s Amasanamu y’urukozansoni yaragize imisi aboneka ku rubuga rwa Facebook rwa Kigingi ngo siwe yayashizeko, Ahubwo ngo n’umuntu yamwinjiriye muri urwo rubuga “Piratage”, gutyo ituma...

Facebook Comments