Home abakinyi bakina hanze # Indundi Sports | BCM: Omar Ntakagero niwe yatsindiye agashimwe k'umumenyereza w’ukwezi

# Indundi Sports | BCM: Omar Ntakagero niwe yatsindiye agashimwe k’umumenyereza w’ukwezi

 

 

Umumenyereza w’umugwi Flambeau du Centre Omar Ntakagero niwe yatsindiye agashimwe ko mu kwezi kwa gitugutu nk’umumenyereza yigenjeje neza gusumba abandi muri Primus league Burundi gatangwa na Club BCM Burundi ( Best Coach Of Month) .

Omar Ntakagero akaba yasumbije abamenyereza babiri ibitsindo kuko bose bari banganije amanota 8 mu nkino 4 abo nabo akaba ari uwa Olympic Stars hamwe n’uwa Bumamuru Fc .

uko vyari vyifashe:

– Flambeau du Centre yatsinze inkino 2 inganya 2 yinjiza ibitsindo 10 . Amanota 8 Ibitsindo 10.

– Olympic Star nayo nyene yatsinze inkino 2, inganya zibiri , n’ukuvuga y’uko ifise amanota 8 n’ibitsindo 7 yinjije

– Bumamuru Fc nayo nyene yatsinze inkino 2, inganya 2 n’ukuvuga ifise amanota 8 n’ibitsindo 6 yinjije.

 

Uko akaba ariko vyifashe:

Iyo imirwi inganije amanota mugihe itoba yarahuye muri izo nkino 4 iba yakinye, mu ngingo ya kabiri agace C:  havuga uku gukutikira: “Mugihe imirwi itoba yahuye murizo nkino zine haca hisungwa ibitsindo vyinjiywe utabanje gukuramwo ibitsindo vyinjiye”.

Agashimwe kangana 100.000fbu+Trophée niko Omar Ntakagero azohabwa na Club BCM Burundi ihurikiyemwo abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi.

Ako gashimwe akazogashikirizwa  mu rukino ruzohuza Flambeau Du Centre na Musongati FC kuri Derby y’i Gitega.

Abagomba kwifadikanya na BCM Burundi kugira ngo bashikirize intererano zabo nk’abakunzi b’umupira wa maguru kuvyerekeye uburyo murashobora kuturondere kuri Whatsapp: 75606325.

Ivyo bikana vyashikirije na mugenzi wacu Kwizera Ismail kw’ Isanganiro ari nawe yazanye uwo mugambi wo gutanga ako gashimwe.

 

Facebook Comments

Most Popular

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Facebook Comments