Home Agriculture Agriculture: Ibisimbankenye bimaze imisi vyonona imirima

Agriculture: Ibisimbankenye bimaze imisi vyonona imirima

Ibihori binuka bikunze kwitwa “Ibisimbankenyeye” mu ntara zimwe zimwe, bimaze indwi zirenga zibiri biriko birya imirima y’ibiterwa muri komine n’intara ya Kirundo vyatandukiriye ayandi makomine agize iyo ntara.

Umugenduzi w’uburimyi  mu ntara ya Kirundo amenyesha ko amakomine ya Bwambarangwe na Vumbi nayo yatandukiriwe. Ignace Manirakiza amenyesha ko ku mitumba vyatanguriyeko muri komine Kirundo bamaze guturira ibiro vyoba birenga 200 vy’ibihori.

Uwo mugenduzi asaba abanyagihugu bo mu makomine ya Vumbi na Bwambarangwe bafashanije n’intwaro kugira isekeza ryo kubifata bakabiturira kuko ata bantu, inkoko canke amafi abifungura kuko binuka cane.

Source : Radio Isanganiro

Facebook Comments

Most Popular

Diaspora News: Asaba gushigikirwa mw’ihiganwa arimwo rya China Africa cooperation

Umurundikazi Hakizimana Alexia aba mu gihugu c’Ubushinwa  ari mwihiganwa ryitiriwe «China Africa cooperation » arasaba abarundi kumushigikira kugira arabe ko yotahukana iryo higanwa. Kumuha amahirwe...

Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

https://www.youtube.com/watch?v=UqPwmg6YQQY Za ndirimbo zibwa muri Tanzania, zishobora kuba zamaze kuboneka. Igituma nuko umuririmvyi Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkomboz abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook...

Preeze 36 yajanye n’umuryango kwunamira umuvyeyi wiwe “Nahigejeje Wenga Emile”

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Preeze 36 uno musi niho yaja kwunamira umuvyeyi wiwe yabuze atanga, nkuko amashusho yabashije gusangiza abamukurikirana ku rubuga rwa Whatsapp  amwerekana ari ku ntatemwa...

Diamond yagavye Tsh 100,000,000 ayaha aba Motard 1000

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz yaraye yinjirije 100,000,000 z’amafaranga yo muri Tanzania aba Motard 1000 yaguriye igitoro ama litiro 10 y’ubuntu. Ico...

Facebook Comments