Home Burundi Uwuzofatwa ataye imicafu aho itagenewe azohanwa

Uwuzofatwa ataye imicafu aho itagenewe azohanwa

Amasandugu 20 yo gutamwo imicafu (poubelles) niyo yashizwe, kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 12 Munyonyo 2020, mu bibanza 20 bitandukanye vyo muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura.

Uwurongoye iyo komine Rénovat Sindayihebura yamenyesheje ko ayo masandugu yakozwe ku ntererano y’abanyagihugu ingana n’amafaranga y’amarundi imiriyoni icumi na zibiri.

Renovat Sindayihebura atera akamo abanyagisagara kwijukira guta imicafu na cane cane amacupa atabora muri ayo masandugu ngo kuko abatazovyubahiriza bazofatirwa ibihano.

Hambavu yo gufasha gusukura igisagara ca Bujumbura kigume gisa neza, ivyo bisandugu ngo bizofasha kandi gukingira ibidukikije.

Facebook Comments

Most Popular

Dusenge Ketty Ange yasubiriye gutera iteka Uburundi mugihugu c’Uburusiya

Mw’ihiganwa Afro Awards ribera mugihugu c’Uburusiya harabonetse kandi agashimwe gatahukana Umwigeme w’Umurundikazi aho yari yahiganwe mu muce wiswe (Fashion Designer of The Year). Kuri uyu...

Saidi Ntibazonkiza yakiriwe nk’umwami i Dar es Saalam

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 02 Kigarama 2020, isaha zitatu zo mw’ijoro 21h00 zo mu gihugu ca Tanzania niho umukinyi w’intamba...

Ibiharuro bishasha vya Coronavirus gushika kuri uyu wa 2 Kigarama

Ubushikiranganji bujejwe kubugabunga amagara y’abantu no kurwanya sida bujejej gushira ahabona ibiharuro bishasha vya Covid-19. Gushika kuri uyu wa 2 Kigarama umwaka w’2020, abantu bamaze...

Nounou yasezewe ubwa nyuma, afatwa nk’uwitangiye Rallye

Haraciye indwi nka zibiri Uburundi bubuze umwe mu barongozi b'ishirahamwe ryo gusiganwa n'imiduga Rallye akaba yarajejwe igisata c'abahinga bakurikirana bakongera bagahagararira urwo rukino bita...

Facebook Comments