Home Burundi Ishirahamwe ONATEL ngo ryahomvye imiriyaridi 10 z’amarundi mu mwaka w’2019

Ishirahamwe ONATEL ngo ryahomvye imiriyaridi 10 z’amarundi mu mwaka w’2019

Uruhombo rw’ishirahamwe ONATEL mu mwaka 2019, ibiharuro vyerekana ko rugera ku mafaranga imiriyaridi 10 z’amarundi. Ni mu gihe rwagera ku yarenga imiriyaridi 3 mu mwaka wa 2015. Iryo shirahamwe ngo rikaba rifise amadeni arenga imiriyaridi 100.

Ivyo biharuro vyerekanywe kuri uyu wa kane mu gihe umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yabonanye  n’abakozi biryo shirahamwe.

Kuri ubwo butunzi bwasubiye inyuma, umushikiranganji wa mbere yasavye ko hojaho vyihuta umugwi ujejwe gusuzuma ivyatumye iryo shirahamwe rihomba. Alain Guillaume Bunyoni yatanze ikiringo kitarenze iminsi 30 kuba batanze icegeranyo c’ingingo mfatakibanza.

Facebook Comments

Most Popular

Umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye aritezwe muri Gabon

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aherekejwe n'umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye baritezwe i Libreville ku murwa mukuru wa Gabon kuri uyu wa kane. Nk’uko biri mw’itangazo...

Ubutumwa Natacha yatanze ntibubonwa kumwe

https://www.youtube.com/watch?v=W2uDlxqkzZY Natacha ntiyigeze yishura umuntu numwe mu bamuvuzeko nabi ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho bariko bamushira mu kibanza kitajanye n’ubutumwa yari yashizeko abatari bake...

Indirimbo za Big Fizzo zisigaye zivuzwa mu nsengero

https://www.youtube.com/watch?v=W2uDlxqkzZY Indirimbo za Mugani Desire ngo zisigaye zivuzwa no mu rusengero, ivyo n’ibishikirizwa na bamwe mu bakunzi biwe ku rubuga rwiwe rwa Facebook. Mu gihe aheruka...

Bagiye kuronswa ibikoresho vyo kwikingira coronavirus

Hagiye gutangwa ibikoresho vyo kwikingira coronavirus ku bantu babangamiwe gusumba abandi. Ivyo bikoresho bizoba bigizwe n'udufukamunwa, amasabuni, n'umuti wica imigera, bikazohabwa  abantu bageze muza bukuru,...

Facebook Comments