Home featured sport Alex Ferguson niwe agiye gusibira kumenyereza Manchester United

Alex Ferguson niwe agiye gusibira kumenyereza Manchester United

Umumenyereza wa kera wa Manchester United Sir Alex Ferguson niwe agiye gusubira kumenyereza Manchester United , kw’isabukuru y’imyaka 20 uwo mugwi utahukanye Champions league .

Manchester United ukaba umaze ku menyesha ko Sir Alex Ferguson yigeze kumenyereza uwo mugwi awukorera amateka akomeye ko ariwe azomenyereza urwo rukino rw’isabukuru y’imyaka 20 y’urukino rwanyuma rwa Champions league aho batsinda Bayern Munich ibitsindo 2 kuri 1.

Urwo rukino bagiye gukina rukaba ruzobamwo abakinyi bakinye urukino rwa Champions league yo mu mwaka wa 1999 wabereye ku kibuga “Nou Camp” c’umugwi Fc Barcelona.

Urwo rukino rukazobera ku kibuga Old Trafford ca Manchester United igenekerezo rya 26 ukwezi kwa gatanu. Uwumenyereza Manchester United muri kino gihe Ole Gunnar Solsjaer, yatsinze igitsindo c’itsinzi ku minota yo kwongera muri urwo rukino rw’umwaka wa 1999 nawe azoba ari muri uyo mugwi uzoba kumenyereza na Sir Alex Ferguson.

Sir Alex Ferguson niwe mu menyereza wa mbere amaze gukora amateka akomeye mu mupira w’amaguru mu bwongereza akaba yatwaye ibikombe 38 mu myaka 26 amenyereza Manchester United. Muri kino gihe akaba asanzwe afise imyaka 77 y’amavuko akaba yagiye guhagarika ivyo kumenyereza mu mwaka wa 2013.

Facebook Comments

Most Popular

George Gatogato na Paficque mu bahagarikizi bazohagarikira CHAN 2021

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, igisata kijejwe gutora abahagarikizi bazohagarikira inkino mpuzamakungu muri CAF cashize ahabona abahagarikizi mpuzamakungu bazohagarikira inkino...

Abakinyi ba Messager Ngozi bashitse neza i Bujumbura

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Kigarama 2020, niho umugwi Messager Ngozi washika i Bujumbura uvuye Eswatini gukina urukino rwa CAF Champions league...

Ubwoko bw’ubuja bwibonekeza mu gihe ca none

Ubuja bwo mu gihe ca none ngo bugizwe ahanini n’urudandazwa rw’abantu, ugukoresha abantu mu rudandazwa rw’igitsina, ikoreshwa ry’abana, ukurongoza abantu ku nguvu, hamwe no...

Urwevu: Ukuborerwa vyoba bijanye n’agaciro ”ubuntu” ( la dignité) ?

Iyo umuntu yanyoye utuyoga rero akarenza kugera aho abantu bavuga ko yaborewe, haba hari ibintu vyinjsi vyabaye mu bwonko. Biba bisa n'ivyabaye nk'uruzi rwasebuye,...

Facebook Comments