Home abakinyi bakina hanze Amakosa y’umurengere agiye gutuma Stoke city igurisha Berahino

Amakosa y’umurengere agiye gutuma Stoke city igurisha Berahino

Ugusiba mu nama z’umurwi, ugucerwa mu myimenyerezo, ukongeramwo n’ugutwara imodoka yanyoye inzoga ngo bigiye gutuma Stoke city igurishwa Saido Berahino, muci riza.  

Saido Berahino ashobora kugurishwa n’umurwi wa Stoke city asanzwe akinira kubera amakosa menshi ngo agize igihe akora, ivyo n’ibishikirizwa n’ikinyamakuru Dailymail co mu bwongereza.

Ico kinyamakuru gishikiriza ko agashavu abarongoye uwo murwi bafise ari kenshi kubera uwo musore w’umurundi afise imyaka 26 y’amavuko. Uwo akaba aheruka kwagirizwa ugutwara imodoka yanyoye, Nkuko ibinyamakuru vyo muri ico gihugu bitari bike bishikiriza.  

Ico kinyamakuru gishikiriza kandi ko uwo mukinyi yoba afise amakosa menshi arimwo ugucerwa mu myimenyerezo, ugusiba inama z’umurwi, ukongeramwo niryo ry’ugutwara imodoka yanyoye. Uwo murwi ngo ukaba ushobora kumusaba ihadabu ringana n’80,000£ angana n’186992472.96 fbu, uwo ukaba ari umushahara w’indwi 2.

Ico kinyamakuru kikaba cibutsa ko ryoba ritabaye irya mbere uwo mukinyi afatwa mu makosa nkayo kuko ngo yigeze guhanishwa ukudasubira gufata ingendo mu kiringo c’amezi 12, nayo mu mwaka wa 2016 ngo yahagaritswe gukina mu kiringo c’indwi 8, igituma ngo n’igipimo c’ibiyayuramutwe, Drogue, bitamubereye vyiza. 

Ayandi makuru akavuga ko uwo mukinyi azitaba imbere y’ubutungane igenekerezo rya 6 ndamukiza uno mwaka nyene ngo yisigure kuri ico kirego c’ugutwara inziga yaborewe, naho we abihakana kuko avuga ko yariko agerageza guhunga abasuma bashaka kumutwara imodoka yiwe.

Mwomenya ko naho biruko uwo mukinyi afitanye ibiganiro n’umunyereza w’intamba mu rugamba mu ndwi iza nkuko amakuru ashikirizwa na Indundi Sports abishikiriza.

Facebook Comments

Most Popular

#diaspora| News|Umuco wa Japhet Legentil ku makenga ya bamwe n’abandi

Abenshi mu barundi baba mu mahanga (diaspora Burundaise), ntibabona kumwe itunganywa n’indinganiza za diaspora y’ Uburundi, eka n’indwi yahariwe umurundi aba mu mahanga bakayibona...

Basaba Reta n’abagiraneza kubagarukirako

Abanyagihugu bari muri site y’impunzi ya Kigarangamango ngo bamerewe nabi kuva bahungiye muri iyo site, hararenze amezi atanu. Bimwe mu bihanze abo banyagihugu bahungiye muri...

Ivyo basabwa kugira ngo irandagata ry’ikiza Covid-19 rigabanuke

Imiryango y'abarundi batahuka bava mu mahanga isabwa kwubahiriza imisi yo kuba ukwa bonyene mu ntumbero yo kurwanya Covid19. Bishikirizwa na Muganga Joseph Nyandwi, umuyobozi w'ikigo...

Uwoya yagarutse ku bimwagirizwa ko yoba ari ishetani

https://m.youtube.com/watch?v=5JqdE6e39HY Irene uwoya benshi bazi nka Oprah kubera ireresi yakinyemwo yitwa iryo zina, nawe haraho bishika akemeranya n'abatari bake ko ari ishetani "Jini" bivanye n'ubwiza...

Facebook Comments