Home East Africa News Diamond ngo afatwa nk’ikiraro

Diamond ngo afatwa nk’ikiraro

Rayvanny ntarya umunwa mu kuvuga ko Diamond ameze nk’ikiraro abantu bose bashaka gutera imbere bacako baja kumenyekana.

Buri muntu avuze Diamond Platnumz ngo aca amenyekana, Rayvanny akaba yabishikirije mu kiganiro aheruka kugirana na Lil Ommy, umumenyeshamakuru wa Times Fm muri Tanzania.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze ko ikibanza ca 1 aheruka guhabwa mu baririmvyi bitwaye neza mu mwaka wa 2018, ngo Atari iciwe, ariko ngo n’ikibanza ca Diamond Platnumz. Ivyo akabivuga kubera ngo yemeza ko uwo muririmvyi ariwe muririmvyi akora neza muri kino gihe.

Ray akaba kandi yanabivuze kandi kubera ngo uwo muririmvyi iyo mukoranye ngo uherza ugashika kure, akitangako akarorero aho avuga ko indirimbo zose bamuhereyeko ubushimwe ari izo bakoranye.

Ray yanatanze akarorero ko abakobwa bose bavuze ko bagendanye na Diamond, naho boba bamubeshera, ngo abo bigeme baca bamenyekana.

Nkuko amakuru dukesha ico kiganiro bakoranye, Diamond ngo afatwa na Rayvanny nk’ikiraro abantu bacako kugira bamenyekane. Mwokwibuka ko indirimbo 2 za nyuma z’uwo muririmvyi arizo Tetema na Mwanza zose yazikoranye na Diamond Platnumz, nazo zose zikaba zikunzwe cane muri kano karere Uburundi na Tanzania birimwo.

Facebook Comments

Most Popular

Kirikou ngo Big Fizzo aharanira inyungu za buri muririmvyi wese w’Umurundi

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Big Fizzo kumusubiriza ngo ntibizoroha, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou Akili akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook. Muri ubwo butumwa yashikirije kuri urwo rubuga, yamenyesheje ko...

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Facebook Comments