Home Burundi Masterland yahagaritse ibikorwa vy'umuziki gushika umuhisi Member bamufuvye

Masterland yahagaritse ibikorwa vy’umuziki gushika umuhisi Member bamufuvye

Kubera urupfu rwa Simbavimbere, abaririmvyi bamwe bamwe batanguye guhagarika ibikorwa bari bafise.

Masterland yahagaritse ibikorwa vyose afise bijanye n’umuziki gushika umusi w’ifubwa ry’umuhisi Bruno simbavimbere benshi bazi nka Member. Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mw’ijro ryo kuri uyu wa 5.

Muri iiryo tangazo, Masterland avuga ko abikoze mu ntumbero yo guha icubahiro uwo muhisi yarwanye cane arwanira inyungu z’umuziki n’abaririmvyi. Akavuga ko nimba yarakoze imyaka irenga 40 ico gikorwa, akwiye kwunamirwa basi n’indwi imwe.

Uwo muririmvyi akaba yamenyesheke ko ibikorwa yarafise kuri uyu wa 2 n’uwa 4 ukwezi kwa 3, vyahagaze. Aho akaba yanagiriyeko asaba n’abandi kubikora.

Siwe gusa kuko n’uwahoze ari icegera c’uwo muhisi mu kurongora ishiramwe ry’abaririmvyi mu Burundi, Nininahazwe Romeo nawe yasavye abaririmvyi ku wubishoboye ko bokwegera inyuma ibikorwa vy’umuziki basanzwe bafise muri iyi misi mu ntumbero yo kumugandarira.

Mwokwibuka ko uwo muhisi yasandavye uno musi, azize ibiguma bitari bike yakomerekejwe n’imipanga yakubiswe ku musi wa 5 w’indwi iheze, aho yari atashe avuye mw’ishirwa ahabona ry’ibikorwa vy’umuririmvyi, noneho ageze imbere y’umuryango ahahurira n’abagizi ba nabi.

Facebook Comments

Most Popular

Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

https://www.youtube.com/watch?v=UqPwmg6YQQY Za ndirimbo zibwa muri Tanzania, zishobora kuba zamaze kuboneka. Igituma nuko umuririmvyi Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkomboz abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook...

Preeze 36 yajanye n’umuryango kwunamira umuvyeyi wiwe “Nahigejeje Wenga Emile”

https://www.youtube.com/watch?v=REgC5_uiUqM Preeze 36 uno musi niho yaja kwunamira umuvyeyi wiwe yabuze atanga, nkuko amashusho yabashije gusangiza abamukurikirana ku rubuga rwa Whatsapp  amwerekana ari ku ntatemwa...

Diamond yagavye Tsh 100,000,000 ayaha aba Motard 1000

https://www.youtube.com/watch?v=WQtmaXoJaK0 Nasibu Abdoul Juma benshi bazi nka Diamond Platnumz yaraye yinjirije 100,000,000 z’amafaranga yo muri Tanzania aba Motard 1000 yaguriye igitoro ama litiro 10 y’ubuntu. Ico...

Umugwi ndangakaranga AMAGABA ugiye guserukira igisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru wa Poritike

Inyuma yaho umugwi ndangakaranga Amagaba babaye aba mbere mu migwi cumi ivuza umurisho w’ingoma i Bujumbura ngo bagiye guserukira igisagara ca Bujumbura muntara ya...

Facebook Comments