Home abakinyi bakina hanze Aubameyang ashobora kuboneka mu rukino rw'intamba

Aubameyang ashobora kuboneka mu rukino rw’intamba

 Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi nserukira gihugu wa Gabon Pierre Emerick Aubameyang yitezwe guheka umugwi wa Gabon inyuma yinkino zigera kuri Zitatu zo kurondera itike yo gukina inkino zanyuma za Afcon 2019 zizobera mu Misiri, uwo mukinyi ashobora kuboneka I Bujumbura.

 Mu  rukino ruzobahuza n’intamba mu rugamba nkuko bimenyeshwa na kimwe mubimenyeshamakuru co muri Gabon” Fans des Pantheres “aho kivuga ko ayo makuru cayakuye mu begereye uwo Musatirizi akinira muri Arsenal yo mu bwongereza. Naho ico kimengashamakuru cavyanditse ngo nta muco ukwiye uraboneka canke ikivyemeza ko Aubameyang azoboneka muri urwo rukino rwo kuwa 23 Ntwarante umwaka wa 2019. Mukamenya ko icatumye yanka gusubira gukinira umugwi nserukira gihugu wa Gabon aruko yatanze itegeko ko abatwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru murico gihugu bokinjura muri ayo mabanga, badakinjuye atazosubira kuboneka muri uyo mugwi.

Facebook Comments

Most Popular

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Facebook Comments