Home africa news Impano yiwe niyo ituma ashobora kutunga umuryango

Impano yiwe niyo ituma ashobora kutunga umuryango

Hadhara Charles Mjeje ni umupfasoni w’umutanzaniyakazi afise abana b’abahungu babiri biga amashure, akaba amaze igihe kitari gito azunguruka Afrika nzima yerekana impano yiwe ijanye n’ugukina umupira « jongleur » mu kinyamazuru.

Uwo mupfasoni amenyesha y’uko iyo mpano yiwe ariyo imufasha kugaburira abana biwe babiri na rirya ariwe abatunze wenyene kuko atakiri kumwe na se wabo. Amasanamu amwerekana ariko arakina ako gapira akaba abica bigacika ku mbuga ngurukanabumenyi gushika n’aho umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump amutera intege mu kugira bimwe bita « Retweet » ya video yiwe ikurikiwe n’akajambo « amazing ».

Abantu batari bake bamaze kubona impano uwo mupfasoni afise bakaba bibaza ko yoba akoresha imiti yamara we arabeshuza abiyumvira ivyo abamenyesha ko ari impano yiwe afise kuva akiri muto agikina mu murwi w’abakinyi b’umupira w’amaguru b’abigeme.

Hadhara Charles Mjeje akaba amaze kuzunguruka ibihugu bitari bike vyo muri Afrika harimwo Uburundi, Mozambique, Cameroun, Kenya, Gabon, Malawi n’ahandi.

Facebook Comments

Most Popular

Education : Bazindutse bugariza ishure

Abavyeyi barereye kw’ishure ryitiriwe inyenyeri riri i Maramvya muri komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, bazindutse kuri uyu wa gatanu bugariza iryo shure. Abo bavyeyi...

Abibaza ko coronavirus yaheze ngo ni ukwihenda cane.

Muri ino minsi haribonekeza ukudebukirwa mu kwikingira coronavirus, aho abantu badatinya gukoranako mu kuramukanya, mu kutubahiriza imetero hagati y'umuntu n'uwundi nayo gukaraba vyo vyabaye...

Ngo nta mbuga ngurukanabumenyi za Facebook akoresha

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida aramenyesha abarundi n’amakungu ko umushikiranganji Thaddée Ndikumana ata mbuga za Facebook akoresha. Ivyo Jean Bosco Girukwishaka...

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bashitse amarembe i Libreville

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Angéline Ndayishimiye bashitse impore amarembe i Libreville ku murwa mukuru w’igihugu ca Gabon aho bagiye...

Facebook Comments